Abasirikare batari bake bo mu gisirikare ca Sudan (SAF) bahungiye muri Sudani y’epfo, inyuma yo kuva mu bice vyabo bisanzwe birimwo igitoro muri Heglig, ku bitero bikomeye cane vy’ingabo za Rapid Support Forces (RSF).
Abasirikare ba SAF bahungiye mu gisagara ca Pan Akuach, kiri ku rubibe ruri hagati ya Sudani na Sudani y’epfo, bitwaje ibirwanisho n’imiduga yabo. Igisirikare ca Sudani y’ Epfo (SSPDF) cabakiriye kibashira ahantu hizewe kugira bacungerwe umutekano, nk’uko vyemezwa n’abategetsi b’ico gihugu.
Heglig ni agace kari ku rubibe rudasobanutse neza hagati ya Sudani na Sudani y’epfo, kazwi cane kubera ko ariho haca umuyagankuba ukoreshwa mu guhingura igitoro kiva muri Sudani y’epfo. Ifatwa ry’ako gace na RSF ryatumye haba impungenge ko ubudandaji bw’igitoro bushobora guhagarara, bigatera ingaruka mbi ku butunzi bwa Sudani y’epfo. Ni mu gihe ubutunzi bw’ico gihugu busanzwe bushingiye ku mwimbu w’ igitoro.
Nk’uko vyashikirijwe n’ibimenyeshamakuru vyo muri Sudani y’epfo, RSF yateye Heglig mu ntumbero yo kugenzura ibitoro vyo muri ako karere. Ibi vyatumye abasirikare ba SAF bahunga, bamwe bakaba barafashe inzira baja muri Sudani y’epfo aho bariko baratanga ibisabwa kugira babone uko bofashwa.
N’aho ata kurasana kwigeze kuhaba hagati ya RSF n’igisirikare ca Sudani y’epfo, RSF yigeze kwegera uru rubibe, ariko yaciye isubira inyuma. Hagati aho abategetsi ba Sudani y’epfo bariko barakora ibishoboka vyose kugira bakingire imbibe zabo, kandi bariko baraganira n’indongozi zo ku rubibe.
Ibi bibaye mu gihe intambara hagati ya RSF na SAF imaze imyaka ibiri, kuva muri 2023, iriko iratuma abantu ibihumbi n’ibihumbi bahunga, abandi bagapfa. Ifatwa rya Heglig rirashobora gutuma haba uguhungabana kw’ubutunzi bw’akarere, canecane ku bihugu vyegereye Sudani muri rusangi.

























