CoopérationhomepageKirundi

Amasezerano y’abarundi baja mu gihugu ca Serbia agiye kunagurwa

Inama nshingamateka yemeje kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 06 Gitugutu 2026 integuro zitatu z’amabwirizwa zirimwo iyijanye no kunagura integuro y’ibwirizwa rikuraho impusha canke Visa ku barundi bafise impapuro z’inzira z’icubahiro ”passeports diplomatiques” hamwe n’iz’akazi ”passeports de service” baja mu gihugu ca Serbia. Ayo masezerano yateweko umukono muri Ntwarante 2025 hagati y’abashikiranganji b’imigenderanire b’ivyo bihugu vyompi.

Ni inyuma y’aho amasezerano nk’ayo yari yatereweko umukono hagati y’ibi bihugu muri 2019, ano akaba yanaraba abafise impapuro z’inzira zisanzwe ”passeports ordinaires” ariko Serbia ikaja kuyahagarika mu 2022 ku mvo yavuzeko abarundi baja muri ico gihugu mu nyuma bakinjira mu bihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Buraya mu buryo bunyuranye n’amategeko. Bamwe mu bashingamateka babona ariko ko visa zonagurwa ku barundi bafise impapuro z’inzira zisanzwe bashaka gukora ubucuruzi hagati y’u Burundi na Serbia.

Nta ngingo nyezina ziri muri iyo nteguro y’ibwirizwa zizotuma abarundi bagiye muri serbia bakoresheje izo mpusha badahitamwo kwigira mu bihugu vy’umuryango w’ubumwe bwa buraya nk’uko yagenze ubwa mbere. Ariko umushikiranganji w’uburundi ajejwe imigenderanire y’uburundi n’ayandi makungu Edouard Bizimana, avuga ko reta itaba izi nimba ababa bagiye muri ico gihugu batazogaruka.

Bamwe mu bashingamateka babona ariko ko impusha nk’izo zonahabwa abarundi bafise impapuro z’inzira zisanzwe , ivyotuma nk’abakora urudandazwa boroherwa.

Turabona ko aya masezerano akarusho ataba ari ikirenga, tukaba twagomba rero gusaba Reta ko yoza irasaba ibindi bihugu , kugira ngo abafise impapuro z’inzira zisanzwe, basanzwe ari abadandaza baronswe nabo uwo mwidegemvyo, boroherezwe kugira ngo igisata c’ubutunzi gishobore gutera imbere”, niko umushingamateka Sylvie Nizigama abibona.

Ico ciyumviro kandi agisangiye n’umushingamateka Devote Nizigiyimana
Ku bwanje mbona y’uko kugira ngo habe akarusho, ari uko abafise impapuro z’inzira zisanzwe aribo boronswa urwo ruhusha, kuko ruhawe abafise impapuro z’abanyecubahiro, duca dusanga aboja muri ico gihugu boba bake, kandi boba ari abakozi ba Reta gusa , abandi tugasanga bibagiwe ”.

Umushikiranganji w’uburundi ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu Edouard Bizimana hari umwizero atanga ku bijanye n’amasezerano bene ayo:

ngira ngo ikibazo c’abaciye bavyonona nicava mu nzira bagaca baza baraja i Buraya nitwavugana tukaraba ingene abadandaza bokworoherezwa, turibaza ko bagenzi bacu bo muri Serbia bazovyemera kuko umudandaza ntazoba agiye kugumayo”, niko umushikiranganji Bizimana yabwiye abashingamateka.

Muri 2019, Uburundi na Serbia vyashize umukono ku masezerano akura impusha ku barundi baja muri ico gihugu bakoresheje izo mpapuro uko ari zitatu, ariko inyuma y’imyaka 3 gusa Serbia cahagaritse ayo masezerano ku bafise impapuro z’inzira zisanzwe ku mvo cavuze ko caremērewe n’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa buraya kubera umurindi munini w’abarundi binjiye muri ico gihugu, mu nyuma bakinjira mu bihugu bigize uwo muryango bidaciye mu mategeko.

Ntihazwi ariko igitigiri nyezina c’abarundi bashitse mu bihugu bigize uwo muryango biciye muri ubwo buryo.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE