EntertainmenthomepageKirundiMusic

B Face yoba afitiye agashavu Drama T

Umuririmvyi B Face avuga ko “ukudisinga” umuririmvyi mugenziwe Drama T vyavuye kuri we yamusotoye umwanya muremure. Avuga ko yihanganye kenshi ateba ararengerwa niko guca amwishura.

B Face agira ati :«Kubona Dram T naramutumiye mu giteramo nakoze hama nkamuduza  imbere y’abantu, n’uko ivyo twapfa vyari vyamaze guhera ariko kubona kandi yarakoze ikiganiro agasubira kumvuga  nabi, ivyo rero sinovyihanganira kuko namwihanganiye kenshi arico gituma nasohoye indirimbo nise  “UMUFANA”.»

Uyo muririmvyi ashikiriza ko namba Drama T yiyemera naje mu nzu ihiyanyura umuziki asohore indirimbo irimwo amajambo yo ku muhanura gutyo yereke abafana biwe ico ashoboye.

B face aramenyesha ko uyu mwaka kuri we watanguye nabi kuko yahuye n’isaganya ariko akaba ashima Imana uko vyageze. Nubwo ingendeshwa yiwe yarimwo yononekaye rwose, arashima ko Imana yamufashije akaronka iyindi. Nayo kubatiza iyo ndirimbo “umufana”, arasigura ko umufana ari umuntu w’agaciro cane ku baririmvyi kuko iyaba batariho abaririmvyi ntibogeze aho bageze  uno musi ivyo rero ntashobora kuvyirengagiza.

Avuga kandi ko umuntu wese w’umuririmvyi yashoboye kuvuga mu ndirimbo “umufana” aruko yoja mu nzu ihiyanyura umuziki agakora ico yakoze. Uyu mwaka, B Face amenyesha ko agiye gukora cane ibiteramo kugira ngo aryohere abakunzi biwe yinjize n’akanoti.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE