Umuririmvyi B Kobra avuga ko uguteba m’ugusohora indirimbo ari uko yari yagize isanganya bica bituma indirimbo yariko arategura itaboneka ku gihe. Ariko n’aho yatevye, arashima kubona yarasohotse kandi igakundwa n’abakuzi b’umuziki ndundi.
Iyo ndirimbo yise « systeme » ikaba yakozwe mu mudiho wa Afro Congo. Avuga ko yashimiye kuyikora muri uyo mudiho kugira ngo habe impinduka mu bikorwa bamenyereye akora. Yashatse gukora ugutandukanye n’abandi baririmvyi kuko benshi bakora mu mudiho umwe.
B Kobra ahanura abaririmvyi bagenzi we ko boreka gukora mu mudiho umwe bakaza bararabira ku bandi kugira ngo umuziki ndundi ushike kure nk’ibindi bihungu. Arashima ko umuziki wamuhaye abantu b’akamaro n’abamufasha mu gukora amasanamu.
Kobra avuga ko vuba cane agiye gusohora indirimbo nshasha agahamagarira abakunzi b’umuziki wa Hip pop kuguma bamukurikirana ku ruburwa rwiwe rwa youtube.