Iyo miryango y’abatwa imenyesha ko akamo k’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ko ku wa 6 ruheshi umwaka wa 2023 ko kwandikisha abana ba se batazwi n’ubu kataritabwa.
N.A ni umwe muri abo batwakazi agira ati: “Vyarashizwe mu ngiro? Babivuga ku munwa uko nyene. Dukeneye yuko bija mu ngiro, ni ukudutoteza kugira dupfane intuntu wa mwana bizoherera hehe? Ko urupapuro aribwo buzima bw’umwana”.
Abo batwakazi bavuga ko bitera ingorane abana babo kuko badaheza ngo baronke ivyo bafitiye uburenganzira.
K.G nawe agira ati: “urufise ugiye kwa muganga barayiguha paracétamol y’umwana kandi n’umwana mukuja kumwandikisha mw’ishure utwara urupapuro uragura urwo rupapuro wumva umwana aziga hehe? Ugiye kwitwara bakubwira ngo rindira. Ubu nararambiwe ndicaye”.
Abo banyagihugu bo miryango y’abatwa basaba ko hofatwa izindi ngingo zotuza ingendo igirwa n’abagabo yo kwihakana abo bavyaranye.
Y.k asaba Reta ko yohasha abihakana abo bavyaye: “Reta nihimirize abo bantu babapfunge kuko nta gateka k’abana baba bashaka n’ukuri ntibashaka ko abana babaho”.
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano, mu nama yagiranye n’abarongoye intara, hari mu gisagara ca Ngozi muri ruheshi umwaka wa 2023, yari yasavye abajejwe intwaro zo hasi n’ibisata bijejwe iyandikwa mu bitabu ndangamuntu gushira inguvu ku bavyeyi bandikisha abana ko batagira abavyeyi bavuge ba se. Ibiharuro vy’igisata ca ONU citaho abana UNICEF vyerekana ko Uburundi buri mu bihugu vyo ku mugabane wa Afrika bifise urugero runini rw’abana bandikwa mu bitabu ndangamuntu rugera ku bice 84% vy’abana bari munsi y’imyaka 5 hamwe n’urugero rwa 73 % rw’abana badashikana umwaka banditswe kuva bakivuka.