Abanyagihugu baba ku mitumba ya Tenga Locale na Tenga Gahwama muri zone Mutimbuzi intara ya Bujumbura ahatarashika umuyagankuba w’ishirahamwe Regideso basaba ko boronswa uwo muyagankuba kugira babandanye bakora ibikogwa vyo kwiteza imbere. Mw’ishirahamwe Regideso bavuga ko ibice bigiye kuronswa umuyagankuba muri iyo ntara harimwo n’uwo mutumba wa Tenga.
Ivyo biri uko mu gihe hari igice kimwe kuri iyo mitumba kimaze kuronswa umuyagankuba. Bamwe muri abo banyagihugu baba mu gice kimaze kuronka uwo muyagankuba wa Regideso bavuga ko bashobora gukora imyuga itandukanye isaba umuyagankuba nko gusudira, kugira bashobore kwibeshaho.
Alexis Ntampera icegera c’umukuru w’umutumba Tenga locale yizeza abanyagihugu ko ugutanga umuyagankuba bitahagaze ariko bishobora vuba kubandanya nk’uko biherutse gutangazwa na Regideso.
Mw’itangazo ryo kuwa 15 nzero uno mwaka wa 2025 ishirahamwe regideso ntiritomora ryari ibikogwa vyimirije vyo kugwiza umuyagankuba mu gisagara ca Bujumbura no mu micungararo yaco biciye mu mugambi ASCENT Burundi bizotangurira. Ishirahamwe Regideso rivuga ko vuba ivyo bikogwa bizotangura kandi ko amafaranga yagenewe ico gikorwa yamaze kuboneka. N’ico gice ca Tenga bitegekanijwe ko kizobandanya kuronswa uwo muyagankuba muri uyo mugambi.
Ariko Regideso ivuga ko abanyagihugu babwirizwa gusiga amabarabara angana na metero 6 z’ubwaguke bw’ahazoca amapoto y’ivyuma azotwara uyo muyagankuba. Amafaranga yagenewe ico gikorwa agera ku miriyoni 190 z’amadorari “Dollars” y’abanyamerika azotangwa n’ibanki yisi yose.