homepageKirundiSociété

Bujumbura: baridoga ko bateba gutunganirizwa

Abanyagihugu bitura bimwe mu bisata vya Reta mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko bateba kwakirwa iyo bituye ivyo bisata.

Uretse abitura ishirahamwe mutuelle, n’abaza kurondera zimwe mu mpapuro m’ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi, nabo ntibashimishwa n’umwanya bamara barondera izo mpapuro.

Abo banyagihugu bavuga ko ukwo guteba gutunganirizwa gutumwa na bamwe mu bakozi badakora akazi neza. Umwanya munini bawumara ku materefone.

Abo banyagihugu basaba ababijejwe guhagurukira ico kibazo kugira abitura ibisata vya Reta bitandukanye bakirwe neza kndi batunganirizwe mu gihe gito.

Twakuye umushikiranganji w’abakozi n’akazi Venuste Muyabaga ngo agire ico avuze kuri ico kibazo ntitwashoboye kumuronka.

Murabo bitura ibisata bimwe bimwe vya Reta bavuga ko bashobora kuhatonda hagati y’unimisi’imisi 3 batararonswa ivyo baba bakeneye.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE