Bamwe mu badandaza bariko barubaka utuzu tw’idandarizo twabo nk’uko babisabwe, abandi nabo babandanya batunganya ikibanza bazotwubakamwo mu gusasa amabuye hasi. Hafi y’aho abadandaza bahora muri iyo soko usanga bariko baradandariza kw’izuba rimena imbwa agahanga ivyo bigatuma batoroherwa mu kuhadandariza. N’aho bahomvye barashima isanurwa ry’iyo soko kuko uduharage tugiye kuboneka.
Mu gitondo co kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2025, niho hatangurwa icese ibikorwa bijanye n’ugusanura iyo soko yo ku Mutanga Nord, zone Gihosha, commune Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura yaheruka gusha igatokombera, hari mw’ijoro ryo kuwa 14 rishira kuwa 15 Nyakanga 2024.
Umwe mu baguzi amenyesha ko ibiciro vyaciye biduga inyuma y’aho ako gasoko gahiriye, aho nk’ibidandazwa bimwe bimwe vyaduzeko amafaranga agera ku majana 200. Basaba ko reta yofasha abo badandaza kugira ntigire uruhombo mu bijanye n’itozwa ry’amakori n’amatagisi. Abo baguzi n’abadandaza barashima kubona barabemereye gusubira gusanura iryo soko n’aho ibintu bizimvye.
Inyuma y’aho iryo soko rihiriye, abategetsi baragendeye ico kibanza harimwo abashikiranganji batatu: uwujejwe ivy’ubudandaji, uw’uburimyi hamwe n’uwujejwe ivy’imigenderanire n’ayandi makungu baherekejwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura. Inyuma y’izo ngendo kuwa 11 Nzero 2025, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yamenyesheje ko ivyirwa vyaheze.