EntertainmentsocialSociété

Bujumbura: Umuririmvyi NLEE aragarutse mu muziki

NLEE n’umurirmvyi w’umurundi , akaba yaramaze igihe atakiboneka mu muziki kumvo zokubura amafaranga no gukora amasanamu nkuko yaravyifuza , kubona agarutse mu muziki ngo nuko habonetse abamushigikira, akavuga ko atagarutse gukora nk’abandi ariko aje gukora ibizomenyekanisha igihugu mu makungu .

Uwo muririmvyi Nzambimana Lewis azwi kwizina rya NLEE yasohoye indirimbo yise surrender ikaba iri ku rubuga ngurukanabumenyi rwiwe, ikaba ifise umudiho utamenyerewe ivyo abandi bibagiwe. Lewis akamenyesha ko urubuga gwiwe rwa youtube baramwivye arico gituma abamukurikirana yabatakaje , ariko ubu akaba afise rushasha yise NLee ,agahamagarira abakunzi b’umuziki kumukurikirana atacamira .

Mu kiganiro yahaye isamirizi indundi culture kuwa kane igenekerezo rya 06 ntwarante  2025 avuga ko ubutumwa buri muri iyo indirimbo shansha aruko yashatse guhanura abakobwa canke ibigeme bangeze mubigero ko batokunda amaronko kurugezo bibagira imico n’akaranga . Uwo muririmvyi mubikogwa agiye gutanga ngo birimwo ubutumwa bwinshi kugira ngo abakunzi biwe babandanye baryohegwa. Hambavu yivyo kuririmba NLEE n’umuhinyanyuzi w’amareresi akaba kandi yaramaze igihe kitari gito ariko avyigira, ubu akaba abikora neza bigashimwa .

NLEE ashikiriza ko mu mwaka wi 2010 ariho yasohoye indirimbo yambere, kandi ko isamirizi indundi culture ariyo yabaye iyambere kumuvugiriza indirimbo yiwe .

Muri uno mwaka ngo agiye gukora n’inguvu zidasazwe, nayo ico yijeje abakunzi biwe nuko atagiye kurera amaboko  ibikogwa vyiwe bikazokwivugira . Lewis NLEE akaba ashimira abantu bariko bamufasha kugira ngo impano yiwe ingere kure.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE