Kirundi

Bujumbura:Igitoro pass ni intambamyi kubakoresha imodoka zo mu bihugu bibanyi

Abafise amazu afise ingendeshwa z’unguruza abantu n’ibintu bafise imparati zo mu bihugu bibanyi bikorera mu Burundi barasaba kuronswa igitoro kuko bitaborohera kumvo zuko batanditswe mu buhinga Igitoro pass .

Abo bunguruza abantu n’ingendeshwa zifise imparati zo mu bihugu bibayi vy’u Burundi n’ibintu bavuga ko ubuhinga igitoro Pass babibonamwo inzitizi kuko bitaborohera kuronka ibitoro iyo imodoka zabo zikamiye mu Burundi kuko batanditswe muri ubwo buhinga bwa igitoro pass bwashinzwe n’ikigo ca reta kijejwe ivy’ibitoro mu Burundi SOPEBU.

abo bafise izo ngendeshwa bavuga ko bibagora kubera zifise imparati zo muri ivyo bihugu bibanyi batanga akarorero ku bafise imodoka zifise imparati zo mu gihugu ca repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo, ngo nizashoboye kwandikwa ziheza ntizironke igitoro bagahitamwo kuja kugura igitoro muri Congo,uyu agendesha umuduga avuga ati:”ntibitworohera kuronka igitoro kubera tutanditswe muri iyo rusansuma y’ubuhinga igitoro pass kandi imodoka dukoresha ntizifise imparati y’u Burundi,rero twosaba kuronswa ibitiro nk’abandi mu gihe zikamiye mu Burundi kuko turi ababanyi.”

Abo bafise amazu afise imiduga yungura abantu basaba ko boronswa sitasiyo itondako ingendeshwa zifise amazu zikukira(agence)kubera ngo iyo zitonze hamwe n’izindi haraho igitoro gihera zidashikiriwe.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE