DivertissementEntertainmentKirundi

Bururi: Abagabo babiri barapfunzwe bagirizwa ibigori vyaguzwe ntibishike mu bubiko

Musitanteri wa komine Vyanda Alexis Nshimirimana na Nzohabonayo Eraste umukozi ajejwe kugenzura umwimbu wegeranijwe n’ikigo Anagessa barahagaritswe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 10 Ndamukiza 2025. Bakaba bahagaritswe inyuma ya Augustin Ntakirutimana yari asanzwe  arongoye ububiko bw’ibigori buri muri zone Gitsiro, akaba yari yatawe muri yompi kw’igenekerezo rya 12 Ntwarante 2025.

Umuhanuzi mukuru wa buramatari w’intara ya Bururi Juvent Ndayikeza avuga ko Alexis Nshimirimana na Nzohabonayo Eraste batawe muri yompi inyuma y’amatohoza. Uko ari batatu bagirizwa gushikiriza ko muri ubwo bubiko harimwo itoni z’ibigori zirenga 13 ariko batigeze babishikanayo. Bikavurwa ko vyateje uruhombo rurenga imiriyoni 22 mu mafaranga y’amarundi.

Baka batawe muri yompi na parake ikukira sentare isubiramwo imanza ya Bururi ifadikanyije n’igipolisi kijejwe kugwanya igiturire bakaba bajanywe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Juvent Ndayikeza akamenyesha ko umunyamabanga ntayegayezwa wa komine Vyanda ariwe agiye kuzoca asigara ahagarariye komine mu gihe c’agateganyo kugira ibikorwa ntibihagarare.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE