Umumenyereza mukuru w’umugwi nserukira-Gihugu intamba mu rugamba w’abigeme Alain Olivier Niyungeko yashize ahabona urutonde rw’abakinyi 23 bagiye kwitegurira inkino za CECAFA SENIOR WOMEN zigiye kubera mu gihugu ca Tanzanie kuva kw’igenegerezo rya 12 gushika kw’igenekerezo rya 22 Ruheshi 2025.
Urwo rutonde rugizwe n’abanyegorikazi batatu bahora bakinira imigwi yo mw’ihiganwa rya Lumitel women’s League.
Abanyegori:
1.Nsabiyaremye Médiatrice : Arena star
2.Habimana Faida :Buja Queens
3.Manirakiza Solange : La Colombe
Abakinyi bakina k’uruhande rw’inyuma ni :
4.Nahimana Annociate: Fountaine Gate
5. Akimana Evelyne: la Colombe
6.Nahimana Zena Shabani: Top Giirls
7.Habonimana Espérance Police Women Rwanda
8.Nsabiyumva Chany: Top girls
9.Hakizimana Aline: Intwarikazi
10.Abeda Rashidi Saidi: la Colombe
Abakinyi bakina hagati mu kibuga:
11.Niyomwungere Peace Olga: Rayon sport
12.Gakima Estelle: la colombe
13.Gakiza Glori : Buja Queens
14.Kezimana Ella Louange : Maika
15.Kanyamuneza Erica : Police Woman
Abakinyi bakina imbere ni:
16.Uwimana Aniella :Jahhad
17.Nahimana Nasra : Top.girls
18.Nzoyikorera Rah Roy :Top girls
19.Rumuri Adolphine : Bugesera
20.Bizimana Rukiya : Rayon sport
21.Nicimpaye Christine :Kazoza
22.Niyonkuru Grâce : Kazoza
23.Nininahazwe Sandrine: Intwarikazi.
Umumenyereza mukuru ni Alain Olivier Niyungeko, icegera ciwe ni Manirakiza Amouri mu gihe umumenyereza w’abanyegori ari Muhimpundu Ines.
Imyimenyerezo ya mbere y’uwo mugwi nserukira-Gihugu iza kuba kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 4 ruheshi 2025 igihe c’isaha icenda ku kigo c’ubuhinga mu Ngagara (Centre Technique National de Ngagara).