Umuririmvyikazi Channy Queen kubera ivyo yaciyemwo vyatumye ashaka guheba umuziki. Avuga ko ivyo kuririmba bitigeze bimworohera niko guca abanza guhagarika umwanya muto ari nayo mpamvu atariko araboneka cane mu muziki. Ahanura abaririmvyi bashasha bariko barahurumbira ivyo kuririmba ko bobaza bakiyumvira ntibatwarwe n’agakuku kuko ivy’umuziki bigoye. Uri umwigeme ho ngo birashobora gutuma uta akaraga.
Mu kiganiro yahaye imboneshakure Irebe FM kuri uyu wa kane igenekerezo rya 27 ruhuhuma 2025, uyo muririmvyikazi ashikiriza ko mu ntango ivyo kuririmba bitari muri we. Yamenye ko afise iyo mpano yo kuririmba igihe yinjira mu nzu y’ubuhinyanyuzi akaririmba. Uwamwuvirije niwe yatanguye kumubwira ko azi kuririmba. We yari azi ko afise impano yo gutamba kuko arivyo yisangamwo kenshi kubera ko yatamba neza. Ico gihe yaciye amenyana n’umuririmvyi Kidumu ari nawe bakoranye umwanya muto nk’umutamvyi arinaho yatanguye kuboneka mu mashusho amwamwe.
Yataguye kuririmba afise imyaka 15 arico gituma yahuye n’ibibazo bitandukanye ariko n’ivyo ngo vyaramuhaye gufata umuziki nk’akazi. Amenyesha ko indirimbo yasohoye yise incomparable ari ukuri kw’ubuzima bwiwe. Nayo igituma atariko araboneka cane muri Entertainment ngo ahanini ni ikibazo c’amafaranga yo kwijira mu nzu zihinyanyura umuziki. Asaba aba diaspora ko bomwibuka nawe agatera imbere nk’abandi .
Queen ashikiriza ko Imana imuhaye umushigantahe yomuha uwutari uwo kumuha amafaranga gusa ariko abe nk’umugenzi kandi akanamuhanura akanatahura impano yiwe kuko iyo adatahura impano yiwe vyoba ibibazo. Arashimira umufana wiwe yamuhaye amafaranga yo gukora indirimbo yasohotse itariki 08 ruhuhuma muri uyu mwaka nyene.
Umuririmvyikazi w’umu ”légende” Channy Queen avuga ko uyu mwaka 2025 azokora cane. Ahamagarira abakunzi biwe ko boguma bamukurikirana ku mbuga ngurukana bumenyi asanzwe akoresha.
Mbega musomyi mwiza nawe warukumbuye ijwi rya Channy Queen ?