EconomiehomepageKirundi

Cibitoke : Urwaruka rusaba kuronswa ubuzi

Bamwe mu rwaruka rwo mu ntara ya Cibitoke basaba ko mu migambi yihutirwa hoza ubwa mbere ikibazo c’ibura ry’akazi gihanze urwaruka aho n’abamaze kugerageza kwitunganiriza imigambi ibayabaye bidoga ko amakori batozwa usanga ari ayo umurengera.

Umwe mu rwaruka baganiriye n’insamirizi indundi culture avuga ko bashima kubona igihugu kirimwo amahoro n’umutekano ariko agasaba ababishoboye ko borwiza amashirahamwe hama bagataga ubuzi kugira ngo ubushomeri bagabanuke ku rwaruka kuko ikibazo c’ubushomeri muri rusangi ngo Reta ntiyoshobora kugikemura yonyene.

Uwundi asanzwe yikorera ivyiwe yidoga ko ibijanye n’amakori bisigaye ari umurengera bigatuma bibasubiza inyuma . N’aho biri uko babandanya bakora kugira ngo baronke ayo kugura agasabuni. Barasaba ko uwogira iciyumviro c’umugambi wo kwiteza imbere, nk’amahingurirro ashobora kuronsa akazi urwaruka ko yoshigikirwa cane.

Kuva mu mwaka wa 2021, Reta yashizeho umugambi PAEEJ wigisha ukanaronsa imitahe urwaruka rugiye hamwe rugashobora kwitunganiriza imigambi yo kwiteza imbere. Mu kiringo c’imyaka ibiri PAEEJ ivuga ko yigishije urwaruka rurenga ibihumbi 24 n’ururenga ibihumbi 16 rwaronkejwe akazi mu gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE