Mu matora yabaye ku wa Mungu uheze igenekerezo rya 29 Kigarama 2025, Mamady Doumbouya, yahoze ari umukuru w’inzego z’umutekano akaba n’umutegetsi wa gisirikare muri Guinée, yatsindiye ikibanza c’ umukuru w’igihugu ku majwi 86.7%. Nubwo yatsinze ku rugero rudasanzwe, ayo matora yateye amakenga menshi, haba ku bijanye n’ubwisanzure bwayo canke ku bijanye n’amasezerano yari yaratanze kuva afashe ubutegetsi mu 2021.
Doumbouya yamenyekanye cane muri 2021 igihe yatembagaza ubutegetsi bwa Alpha Condé, Perezida yari amaze igihe kinini ku butegetsi. Ico gihe, yijeje abanyagihugu ko intwaro yiwe izoba iy’imfatakibanza kandi ko igamije gusubiza igihugu mu nzira ya demokarasi. Yari yaravuze ko atazokwitoza mu matora, ahubwo ko azotegura amatora yisanzuye kandi atagira aho ahengamiye.
Ariko uko imyaka yagiye iragenda, vyaragaragaye ko ata gushaka agifise kwo gushitsa ivyo yiyemeje. Mu kwezi kwa Nyakanga 2025, Doumbouya yahinduye ibwirizwa shingiro, rimwemerera kwitoza no kuguma ku butegetsi imyaka indwi. Ibi vyatumye abatari bake bamwagiriza ko yahinduye imvugo kugira agume ku butegetsi biciye mu nzira zemewe n’amategeko.
Amatora yo ku wa Mungu ntiyitabiriwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, kuko benshi bari barankiwe kwitoza, abandi bagatabwa muri yompi canke bagaterwa ubwoba. Amakungu hamwe n’amashirahamwe yigenga barerekanye amakenga ku bijanye n’ibitagenze neza muri ayo matora, harimwo ivyagiriji vy’ukwinjiza amajwi y’inyuma y’isaha y’amatora n’ukubangamira abari mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi.
Mu bijanye n’ubutunzi, Doumbouya yari yarasezeranye gukingira amatungo kamere y’igihugu, nk’ubutare bwa Simandou, kugira abanyagihugu babigireko inyungu. Ariko, n’aho hari amasezerano n’abikorera utwabo bo mu Bushinwa n’ahandi, abanyagihugu benshi bavuga ko batabona ico ayo masezerano yabamariye. Ubukene burabandanya, ibiciro vy’ibidandazwa vyaraduze, kandi ubushomeri burateye ubwoba.
Mu bijanye n’uburenganzira bwa muntu, intwaro ya Doumbouya yaranzwe n’ugutsikamira ubwisanzure. Imyiyerekano yarabujijwe, abamenyeshamakuru n’abaharanira agateka ka zina muntu barakurikiranwa mu butungane bazira akazi kabo, abandi bagafungwa. Ibi vyatumye abanyagihugu benshi batinya kuvuga ico biyumvira, bigabanya cane uruhara rwabo mu buzima bwa politike.
Nahoo hari abavuga ko Doumbouya yagarukanye ituze mu gihugu inyuma y’akajagari ka politike, abandi babona ko intwaro yiwe iriko isubiza inyuma intambwe zose igihugu cari kimaze gutera mu bijanye na demokarasi. Kuri bo, intsinzi yiwe si intambwe ijana imbere, ahubwo ni iyindi nzira yo kwemeza ubutegetsi bwa gisirikare mu buryo bwemewe n’amategeko.
Mu gihe Doumbouya yitegura gutangura ikiringo ciwe gishasha, haracariho ikibazo gikomeye: azoshobora kwubahiriza amasezerano mashasha yatanze, canke azobandanya inzira yo kugumya ubutegetsi biciye mu gukandamiza abatavuga rumwe na we.

























