Umuririmvyi w’umurundi Eloi fils avuga ko indirimbo yasohoye yise “yesu” yayanditse afatiye ku bihe bitoroshe yariko aracamwo. Iyo ndirimbo ikaba iri k’umuvuduko udasazwe ku rubuga rwiwe rwa youtube.
Mu kiganiro yahaye insamirizi indundi culture kuwa kabiri igenekerezo rya 9 Ndamukiza uyu mwaka 2025 ashikiriza ko yatanguye kuririmba indirimbo mpimbaza mana mu mwaka wa 2014 aho yari mu mugwi wo m’urushengero mu nyuma aca aja gukora wenyene. Eloi agira ati: «Jewe nakuriye mu muryango ukijijwe, nakiriye agakiza mu mwaka wa 2005 ari naho natangura gufata inzira y’agakiza no gukora imirimo yo m’urushengero».
Umuririmvyi Yamuremye Eloi amenyesha ko iyo ndirimbo yayanditse mu mwaka wa 2016 ariko kubera ikibazo co kubura uburyo yaratevye kuyisohora. Mu nyuma yahavuye aronka abantu bamufata mu mugongo niho kubona kuyisohora. Eloi arashimira abantu bamufashije mugukora amasanamu no kuja mu nzu ihinyanyura umuziki kugira igikorwa kiboneke.
Yamuremye agira ati : «Hamwe noronka abamfata mu mugongo bakambera aba “manageurs” banje bwite nokora igikorwa gikomeye kuko gushika ubu ndafise indirimbo nyinshi zitarakorwa kandi nziza zishobora gufasha abantu muri kino gihe». Uyu mwaka ngo arafise vyinshi agiye gukora kuko abakunzi biwe baguma bamusaba gukora iyindi ndirimbo.