EconomiehomepageKirundi

Gatumba: Basaba kuronswa ikibanza cagutse kandi gitunganyijwe neza

Bamwe mu bakorera umwuga w’uburovyi k’umweha wa Kajaga, komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura barasaba kuronswa ikibanza cagutse kandi gitunganyijwe neza co gushiramwo amato yabo. Iduga ry’amazi y’ikiyaga Tanganyika muri ino myaka ryatumye abo barovyi bisanga bayabika mu kibanza bavuga ko gituma yononekara ni mugihe bemeza ko uwo mwuga ariwo ubatungiye imiryango yabo.

Elvis Ndayisenga ni umwe mu bakorera k’umweha w’ikiyaga Tanganyika avuga ko kuva amazi aduga bakora bahomba aho bituma birirwa baryamye m’uduhema turi kuri uyo mweha nyene hari ubwato buharurwa mu majana. Akabandanya amenyesha ko amaze imyaka igera kuri ine akora uwo mwuga ari nawo umutunze rimwe na rimwe akanasahiriza umuryango.

Uwo mweha uri muri kimwe mu bibanza biri ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika vyakozweko n’iduga ry’amazi y’ico kiyaga muri iyi myaka.

Isaïe Vyizigiro nawe asanzwe akora uwo mwuga wo kuroba kuri uwo mweha avuga ko vyatumye ikibanza bashinguramwo amato caga bigatuma ndetse bene ikibanza ubu bashaka kubirukana.

Uretse ikibazo co kubura ikibanza gitunganyijwe neza c’aho bashingura amato yabo, inyuma y’amasaha y’akazi, ikibazo c’ukuronka ibitoro vyoroshe kubakoresha ubwato bufise imoteri ku barovyi bakorera kuri uwo mweha cokimwe n’abakorera ku yindi myeha kiri kandi mu bisabwa nabo barovyi ko naco cotorerwa inyinshu.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE