DivertissementEnvironnementhomepageKirundi

Gikoto : Bafise amakenga ku kimanga kibegereye kiguma caguka

Abanyagihugu bo ku mutumba Gikoto bafise ubwoba bivanye n’ikimanga kibegereye kimaze imyaka itatu kitarakorwa bagasaba ko bofashanya na Reta mw’itunganywa ryaco. Ubuyozi bumenyesha ko babwiwe kuzorondera aho bokura imfashanyo yo gukora ico kimanga.

Abanyagihugu baba muri zone Musaga, ku mutumba wa Gikoto mu gisagara ca Bujumbura bamenyesha ko bafise ubwoba kubw’ikimanga gitera caguka, aho mbere kimaze guhitana imihana itari mike icegereye. Bavuga ko ico kimanga kimaze imyaka igera kuri itatu kandi kiguma caguka.

Abavyeyi baba muri iyo micungararo bafise ubwoba ku bibondo vyabo kuko kimaze guhitana umwe mu bari basanzwe baba kuri uwo mutumba, havunikira n’uwundi  mwana umwe nyene yariko arakinira hejuru y’ico kimanga.

Abo banyagihugu bamenyesha ko bituye inzego zibijejwe ariko atacakozwe, bakabandanya basaba ababijejwe ko ico kimanga cokorwa canke ko bokwimurirwa ahandi mu ntumbero y’ugukingira ubuzima bwabo. Abo banyagihugu bo bemeza ko biteguye kugira ico baterereye mw’itunganywa ry’ico kimanga.

Umukuru w’umutumba Gikoto aremeza ko bituye abajejwe intwaro abo nabo babishura ko ata buryo buhari ko ahubwo uworonka aho adodora ku bagiraneza mu ntumbero yo gusanura ico kimanga yohegera. Uwo mutware abandanya ashikiriza ko ubuyozi bw’abanyagihugu bwonyene ataco bwokwifasha mu gukora ico gikorwa. Gushika ubu haharugwa inzu zigera kuri 15 zimaze guhitanwa n’ico kimanga.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE