homepageKirundiSante

Gusamara kw’abavyeyi kuri mu bituma abana bakura bafise amenyo ahatanye

Mu gihe umwana ageze ko ahongoka amenyo araregarega. Umwana iyo abimenyesheje umuvyeyi uyo nawe ntamwirukangane kwa muganga iryinyo riraheza rikamerera mu mbavu ya rirya riregarega.

N’ubwo biri uko birashobora kuba nk’ingwara. Muganga Yves Ingabire asigura ko iyo ngwara ishobora kwibonekeza mu gihe umuntu yavutse afise ibinyigishi (chignon) bito, ibituma amenyo ataronka ikibanza co kumereramwo.

Ico kibanza gito c’ikinyigishi amenyo amereramwo kirashobora gutuma hibonekeza iryinyo riteza ikibazo mu kanwa iryo naryo akaba ariryo rimera ubwa yuma rikitwa “muzitsa”. Abantu benshi bakunda kuyamera bari hagati y’imyaka cumi n’indwi na mirongo ibiri. Kubw’ukuntu abantu bayamera bakuze akenshi ayo amenyo akunda kumera ahengamye.

Hariho ubuhinga bwo kurwanya ukwo guhatana kw’amenyo: barayatondeka bagashobora gukuraho irihatanye. Harimwo kandi no kwegeranya ayatandukanye hanyuma bagashiramwo urutsinga bita “appareil” (…). Uwo muganga agahanura abavyeyi bose babonye ko umwana ageze guhongoka kumushikana kw’ivuriro mu gihe babonye ko amenyo atanguye kumera ukutari kwo.

Umwana atangura kumera amenyo kenshi afise hagati y’amezi atatu n’amezi cumi n’abiri. Guhongoka amenyo navyo bikunda gushika mu gihe umwana ashikanye imyaka itanu hagatangura kumera ayandi.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE