Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryaraye rishize ku mugaragaro ibiciro vy’amatike y’urukino ruzohuza Intamba mu rugamba na Kenya kw’igenekerezo rya 09 Gitugutu 2025 ku kibuga Intwari.
Ayo matike yatanguye kugurishwa kuva kuri uyu wa kane igenekerezo rya 02 Gitugutu 2025 akaba ariko agurishwa biciye ku buhinga bwa Cashtel.
Ibiciro bikaba vyifashe uku gukurikira :
– Ku mpande z’ikibuga ni 10.000FB
– VIP A hamwe na B ni 30.000 FB
– VIP C hamwe na D ni 50.000FB
– VVIP : 100.000FBU
– Sponsor ni : 500.000FBU
Ayo matike ariko adandarizwa aha hakurikira:
– ku cicaro gikuru ca Cashtel ( haruguru y’ivuriro ry’abasirikare)
– kuri Sopec Rohero
– kuri Sopec Kamenge ( kurya 14)
– Kw’isoko mu Gasenyi
– Kw’isoko mw’ijabe
– kw’isoko mu Ruvumera
– Kw’isoko ku Musaga
– kuri Palais des Arts
– kuri Zone Buyenzi