AfriqueEconomiehomepageKirundiPolitique

Ibrahim Traoré: umuyobozi mushasha afise ijwi rikomeye mu rwaruka rwa Afrika

Haraheze imyaka itatu Kapiteni Ibrahim Traoré afashe ubutegetsi muri Burkina Faso biciye mw’ihirikwa ry’ubutegetsi ryo ku wa 30 Nyakanga 2022. Kuva ico gihe, Traoré amaze kwiyubakira izina nk’umuyobozi afise ijwi rikomeye mu gihugu ciwe no ku mugabane wose wa Afrika.

Traoré, azwi cane kw’izina rya [IB], yamenyekanye mu majambo yiwe akomeye, mu mwambaro wiwe wa gisirikare (inkofero itukura, inkoho ku ruhande, n’utwambarwa tw’iminwe), hamwe n’uburyo akoresha ururimi rusanzwe rw’abanyagihugu. Ibi vyatumye abanyagihugu bamubona nk’umuyobozi yegereye cane abanyagihugu, nk’uko Thomas Sankara yabikora mu myaka ya 1980.

Mu gihugu ciwe, ubushakashatsi bwerekana ko ibice 79% vy’abanyagihugu bamushigikiye, bikerekana ko afise ico yamariye igihugu gikomeye cane. Ku rwego rwa Afrika yose, Traoré aboneka nk’akarorero k’urwaruka ruri musi y’imyaka 25, rukaba rugize ibice 55% vy’abanyagihugu bose. Mu bihugu vyo mu karere nka Mali na Niger, Traoré yakiriwe nk’umuyobozi afise ukurinda mu kwiyamiriza abakoroni n’abanyamahanga.

Ijwi rya Traoré rikwiragira ku mbuga ngurukanabumenyi nka X, Facebook na TikTok, aho ibihumbi n’ibihumbi vy’urwaruka rwo muri Afrika rukwiragiza amajambo yiwe. Abatari bake bamubona nk’uwaje gushira mu ngiro indoto za Sankara, bigatuma habaho ugusubira kwibuka no kwubahiriza ivyo Sankara yashaka: ukwigenga kw’ubutunzi, ukwiyemeza kw’abanyagihugu, n’ugusubira kwubaka Afrika yikwiye.

Traoré yashize imbere politike yo kugabanya kuzera inze kw’igihugu ku banyamahanga, akitaho ku gushiraho amahinguriro mu gihugu hagati no kwishura amadeni y’igihugu. Abahinga bavuga ko ibi ari “laboratoire y’ukwigenga kwa Afrika” . Kuva afashe ubutegetsi mu 2022, ubutunzi bwa Burkina Faso bwaduze ku rugero rwa 43% mu mafaranga y’isi yose (nominal GDP), buva ku miliyaridi $18.8 mu 2022 bugashika ku miliyaridi $26.9 mu 2025. Ariko iterambere nyaryo ry’ubutunzi ryari rike cane: 3% mu 2023 na 4.9% mu 2024 . Hari ababona ko kwikura mu muryango mpuzamakungu bishobora gutuma igihugu gihura n’ingaruka mbi z’ubutunzi, harimwo “inflation” ikabije n’ugusubira inyuma mu ngendo z’ubutunzi .

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE