homepageKirundiSport

Igicapo ca Arsenal cashimangiye umuco w’intsinzi

Mu rukino rukomeye rwahuje Arsenal na Tottenham Hotspurs ku wa 23 Munyonyo 2025, Arsenal yerekanye igicapo c’igitangaza imbere y’abafana barenga 60.000 ku kibuga cayo Emirates Stadium, i Londres mu Bwongereza. Ico gicapo, categuwe n’abafana bafashijwe n’ubuyobozi bwa Arsenal, cari kigamije kwerekana amateka y’ umugwi no gutera intege abakinyi ariko baca n’ intege abakinyi hamwe n’abari baje gushigikira Tottenham Hotspurs, babereka ko rutitaha.

Ico gicapo categuwe kuva ku wa 20 Munyonyo 2025, aho konti y’abafana yitwa « HandofArsenal » (Ukuboko kwa Arsenal) yabanje kumenyesha ko hari igikorwa gikomeye kiriko kirategurwa. Abafana b’inkoramutima ba Arsenal barafashije mu kuyubaka, bayigerageza incuro nyinshi kugira ngo izokore neza ku munsi w’urukino nyezina. Yari igizwe n’ibice binini vy’ikarata z’amabara yera n’ayatukura, vyatanzwe ku bafana bose bari mu gice ca North Bank kugira ngo buzuze ishusho y’ico gicapo.

Ico gicapo cerekana amashusho y’abakinyi babiciye biracika muri Arsenal nka Sol Campbell, yigeze kuba kapiteni wa Tottenham ariko akaza kwinjira muri Arsenal muri 2001, yerekanywe mu gihe yatahukanye igikombe ca Premier League mu 2004. Ico gihe Arsenal ntiyigeze itsindwa urukino na rumwe, ari naho umugwi w’ico gihe baciye bawuha igikombe gikozwe mu nzahabu n’agatazirano ka « The Invincible » (Abadatsindwa). Tony Adams, yerekanywe mu kuryoherwa kwinshi inyuma yo gutsinda Tottenham mu gice ca nyuma c’igikombe ca FA mu 1993. Thierry Henry, yerekanywe mu gihe yariko arakora knee-slide (kunyerera ku mavi) inyuma yo gutsinda igitsindo c’igitangaza muri 2002.

Abakinnyi b’ubu nka Bukayo Saka, Gabriel Magalhães, na Martin Ødegaard nabo barimwo, bikerekana uko Arsenal iri mu rugendo rwo gusubira ku rwego rwo hejuru. Ijambo ryanditse kuri ico ryari: “The Arsenal – These Streets Are Our Own”, risigura ko “Aya mabarabara ni ayiwacu”, ubutumwa bukomeye ku mukeba wabo Tottenham Hotspurs, baherereye mu gice kimwe c’uburaruko bw’igisagara ca Londres.

Ico gicapo cateye akanyamuneza n’umurindi mwinshi mu kibuga. Arsenal yatsinze itababariye Tottenham ibitsindo 4-1, aho Eberechi Eze yatsinze hat trick (ibitsindo bitatu wenyene) ya mbere mu nkino za derby mu myaka 47 iheze. Leandro Trossard nawe yatsinze igitsindo ca kane ca Arsenal. Umumenyereza Mikel Arteta yashimiye abafana, avuga ati: “Twigenjeje neza mu kibuga cose, kandi abafana badufashije cane.”

Gushira Sol Campbell hagati muri ico gicapo vyari nk’uburyo bwo kwibutsa Tottenham Hotspurs amateka y’ukuntu yagiye muri Arsenal, bikaba vyarateye akababaro cane abafana ba Spurs. Abamenyeshamakuru benshi barashimagije cane ico gicapo c’igitangaza harimwo na Thierry Henry ubwiwe.

Ico gicapo ni ikimenyetso c’uko Arsenal iriko irashira imbere uruhara rw’abafana mu bikorwa vyayo. Ni intambwe ikomeye mu guteza imbere umuco wo kwerekana urukundo rw’umugwi biciye mu bicapo n’ubutumwa bufise insiguro. Iki gicapo nticari gisanzwe cari nk’igitabo ca kahise k’intsinzi za Arsenal mu nkino za derby, cerekana abakinnyi b’inkoramutima bagize uruhara mu gucinyiza Tottenham Hotspurs.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE