homepageJusticeKirundi

Igiporisi ca Uganda kigiye gukora amatohoza ku vyagiriji vy’ugukubita abashigikiye Bobi Wine

Muri Uganda, igiporisi camenyesheje ko kigiye gutangura amatohoza ku vyagiriji vy’uko bamwe mu baporisi baco bakubise abanyagihugu bashigikiye umukandida atavuga rumwe n’ubutegetsi Robert Ssentamu Kyagulanyi, azwi nka Bobi Wine. Ibi bibaye inyuma y’aho Bobi Wine yanditse ku rubuga rwiwe rwa X (rwahoze ari Twitter) ko yakubiswe n’umwe mu baporisi igihe yariko akora ibikorwa vyo kwiyamamaza mu ntara ya Gulu iherereye mu buraruko bwa Uganda, kuwa gatandatu uheze, igenekerezo rya 6 kigarama 2025.

Amasanamu yerekena umwe bagize inzego z’ igiporisi akubita inkoni Bobi Wine, mu gihe yariko agerageza kwegera abamushigikiye, ayandi nayo akerekana umwe mu bari baje gushigikira Bobi Wine yakubiswe ikintu ariko arava amaraso mu mutwe.

Buca Bobi Wine yinjira mu gisagara ca Gulu ingoro y’ umugambwe wiwe National Unity Platform (NUP) yari yatewe n’abantu batigeze bamenyekana. Bobi Wine yakiriwe n’insinzi ry’ abanyagihugu benshi bo muriyo ntara ariko ntivyamworoheye gushika mu gisagara hagati kuko imodoka z’ igiporisi zari zamutangiriye hafi yahakorera icicaro gikururu c’ ibanki y’ igihugu mu ntara ya Gulu, biba biramwankiye kubandanya.

Bobi Wine yatanguye ashigikirwa n’abakiri bato ariko imyiyamamazo y’ uyu umwaka yo uyisangamwo n’abakurambere. Abakurikirana poritike muri Uganda bavuga ko ibi bigaragaza ukuntu abanyagihugu bamaze kurambirwa n’ubutegetsi bwa Museveni bagiriza gutwaza umukazo hamwe na kamwana wa mama, aho abagize umuryango wiwe usanga bafise ibibanza mu nzego zigize reta.

Mu rwandiko igiporisi cashize ahabona ku rubuga rwazo, cavuze giti « Twakiriye amakuru avuga ko hari bamwe mu baporisi bakubise abanyagihugu bakoresheje inkoni, kandi turicuza cane ivyo bikorwa. ». Ariko abaharanira agateka ka zina muntu bo bavuga ko ibi bidakwiye, ahubwo ko hakwiye gukorwa amatohoza yigenga kandi yihuta kugira ngo abakora ibikorwa nkivyo bahanwe. Abanyagihugu bo mu ntara ya Gulu bavuga ko ivyabaye kuri Bobi Wine n’abanywanyi b’ umugambwe wiwe ari akamaramaza, kandi ko ibikorwa vy’ iterabwoba nkivyo bikwiye guhagarara, kuko bihungabanya ukwizera ibiva mu matora n’ukwidegemvya kw’ abanyagihugu.

Naho biri uko igiporisi kirasaba abakandida bose hamwe n’ ababashigikiye gukora imyiyamamazo yabo mu mahoro, kwirinda amajambo ashobora gutera umutekano muke, no gukorana neza n’ abajejwe umutekano hamwe n’ abandi bafise uruhara mu bikorwa vy’ amatora kugira ngo amatora agende neza. Muri ico gihe nyene, abajejwe umutekano nabo baributswa ko bategerezwa gukoresha neza ububasha bahabwa n’ amategeko mu gukingira abanyagihugu hamwe n’ ivyabo.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE