KirundiSport

Imilioni 10 hamwe no guhagarikwa imyaka batitabira ibikorwa ry’umupira w’amaguru Burundi

 

Abakinyi b’umugwi académie Deira hamwe n’uwari ajejwe ivy’ubuhinga baraye bahanishijwe ihadabu ry’imiriyoni 10 hamwe n’imyaka 5 batitabira ibikorwa ry’umupira w’amaguru mu gihugu c’Uburundi.

Nivyo bihano vyahawe abakinyi ba Academia Deira bagirizwa ivyo gutigira,ivyo bibaye inyuma y’ingingo yaraye ifashe n’igisata kijejwe ivy’inyifato mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB”commission de discipline et d’éthique”mu rurimi ry’igifaransa.

 

Uburongozi bwa Ac Deira bumaze guca hirya no hino ivyo abo bakinyi bagirizwa,ukihweza ingene abo bakinyi hamwe n’umuyobozi w’ubuhinga bireguye, baravye kandi uburemere bw’ico caha co gutigira mu guhuvya ibiva mu nkino z’ihiganwa rikuru Primus Ligue, uwo murwi wafashe ingingo yo guhanisha abo bakinyi n’umuyobozi w’ubuhinga muri Deira FC ibihano bikurikira:

Igihano ca mbere n’ico guhagarikwa muvyo gukina umupira w’amaguru mu kiringo c’imyaka itanu, igihano kigira Kabiri akaba arico kuriha amafaranga angana n’imiriyoni 10 (10,000,000FBU) kuri buri mukinyi wagirijwe ivyo gutigiri muri uwo mugwi Ac Deira.

Ico gisata kikavuga ko mugihe batazoba barunguruza hagati y’igenekerezo rya 10 na 15 Ntwarante 2025 , bakaba batarariha ayo mafaranga gushika kw’igenekerezo rya 10 rusama 2025, ico gisata kizoca gifata ingingo yo kubahagarika burundu muvyo gukina umupira w’amaguru.

Tubibutse ko abo bakinyi ari:
1.Mwamba Mwanza Gloire
2.Nzoyisaba Epimaque
3.Ntahoturi Hussein
4.Jumapili Jafari (ubuyobozi w’ubuhinga)
5.Shabani Ramadhani
6.Masumbuko Jules
7.Hakizimana Khevin na
8.Moussa Mossi

Abo bafatiwe izo ngingo bakaba bari barekuwe aho bari bamaze imisi bafungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE