Kirundisocial

 Imwe mu mirimo yo ku kivuko ca Bujumbura ntiriko irarangurwa

Haraheze ikiringo c’imisi itatu abakozi bakorera ku kivuko ca Bujumbura batariko bararangura imirimo yabo bakavuga ko vyatumwe n’ubuhinga bakoresha bita “Ascyuda” butariko burakora muri kino gihe.Ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi gishikiriza ko kiriko gikora ibishoboka vyose kugira ubwo buhinga busubire gukora.

Bamwe mu bakorera ngaho kuri ico kivuko ca Bujumbura ari naco kivuko gicako ibidandazwa vyinshi vyinjira biciye mu mazi , bamenyesha ko ubuhinga bakoresha “Ascyuda” bwahungabanye buzingamitse ibikorwa vyinshi, nko gukura ibidandazwa hanze bitagikunda kuko bose bahora bakoresha ubwo buhinga .

Iyo misi itatu kandi iheze batariko barakora,ibidandazwa biva mu bihugu nka Tanzaniya na Kenya ntibiriko biraronka ukwo biza mu gihugu c’u Burundi ivyo rero ngo bigatuma haba uruhombo ku badandaza hamwe no ku gihugu.

Ikigo kijejwe kwegeranya amatagisi n’amakori OBR ku rubuga rwaco rwa X camenyesheje ko ari ikibazo kijanye n’ubuhinga bwa none ariko ko bagiye kubitunganya vuba hashoboka.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE