EntertainmentKirundiPolitique

Inama nshingamateka yaraye isubirije babiri mu bagize umugwi CVR

Inama nshingamateka yaraye yemeje kuri uyu wa kane igenekerezo rya 13 ruhuhuma 2025, abagabo babiri bagiye gusubirira abandi mu mugwi ujejwe ukuri no kurekuriranira CVR. Gélase Daniel Ndabirabe, umukuru w’inama nshingamateka asigura ko uwo mugwi ari kirumara mu buzima bw’igihugu ari naho ahera atanga impanuro kuri  izo ndongozi zigiye kwinjira mu mabanga zogenderako.

Kuri uyu wa kane niho hemejwe ko abakomiseri babiri b’umugwi CVR batakibarizwa mu mabanga aribo Aloys Batungwanayo na pasitori Clément Noé Ninziza bosubirizwa, kuko batakibarizwa mu mabanga yabo. Abo nabo bakaba bari barahiriye kwinjira muri uwo mugwi kw’igenekerezo rya 30 myandagaro 2024.

Abagera kuri cumi nibo bashoboye gushikana ibisabwa imbere y’inama nshingamateka nayo ibisabwa vy’abagera kuri batandu nivyo vyahavuye bitorwa n’umurwi ubijejwe aho abo bagera kuri batandatu harimwo batatu bo mu bwoko bw’abatutsi ( musenyeri Aimé Joseph Kimararungu, Godefroid Maskini hamwe na Léopold Kabura).
Batatu nabo mu bwoko bw’abahutu (Gérard Mfuranzima, Vianne Ndikumana hamwe na Dr Dionise Arakaza). Inyuma y’aho abo bose bashikiririje igituma bashaka gukorera uwo mugwi. Inama nshingamateka yahavuye yemeza amazina abiri, umwe wo mu bwoko bw’abahutu uyundi wo mu bwoko bw’abatutsi.

Mu bashingamateka bagera kw’ijana na batatu abagera kuri 93 bemeje ko musenyeri wo mw’ishengero rya anglicane Joseph Kimararungu wo mu bwoko bw’abatutsi yosubirira Clément Noé Ninziza yahora ari icegera ca mbere c’uwurongoye umugwi CVR, nayo Vianne Ndikumana wo mu bwoko bw’abahutu akaja mu bagize umugwi CVR akaba asubiriye Aloys Batungwanayo.

Umukuru w’inama nshingamateka aremeza ko abo bakomisseri babiri b’umugwi CVR batakibarizwa mu mabanga n’ubwo adatomora neza iyo bagiye ariko agatekerera impanuro abo bagiye kwinjira muri ubwo burongozi ko bokwirinda kuvugana hanze, kutagurisha uwo murwi maze bagendere ibanga.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE