DivertissementhomepageKirundiMusic

Indirimbo “aha nihe” ya Kirikou ni ivyo yariko aracamwo

Umuririmvyi kirikou akili avuga ko icuyumviro co kwandika indirimbo “aha nihe” cavuye kuvyo yariko aracamwo.  Ni mugihe yari yagiriwe ibakwe ryokuguma asohoka igihugu aja mu bihugu bitandukanye. Arashimira abantu baguma bakora udusanamu duto duto (video challenge) kugira ngo iyo ndirimbo igere kure

Kirikou Akili ni umwe mu baririmvyi bariko bakora neza muri kino gihe ashikiriza ko iyo ndirimbo yayandikiye abantu baguma bamubwira ko ataco azovamwo ariko uno musi arashima urugero amaze kugeraho ivyo bigatuma akora n’inguvu nyishi kugira ngo abe mu baririmvyi bazoharurwa mu gihugu ko hari ico yakoze kugira ngo indirimbo ndundi zigere ku rugero rwo gushimwa. Akili agira ati: “umuziki sindota ndawuheba naho bonca intege jewe mbandanya nkora ngwanira indoto zanje kandi aho ntarashika nzohashika kubw’umuziki”.

Youssufu Akbar Niyonkuru azwi nka Kirikou A kili amenyesha ko gutora umutwe w’indirimbo bitamufashe umwanya munini. Amasanamu y’iyo ndirimbo yakorewe mu gihugu c’ubuswisi ibindi vyaje guherezwa aha mu gihugu cacu. Arahanura abantu bafise imitima yo guca intege abandi ko bobiheba, agahimiriza abakunzi b’umuziki kubadanya bashigikira abanyamuziki.

 

 

Akaba afise umugambi wokuja gukora indirimbo mu gihugu kibanyi c’urwanda no muri tanzaniya .agahamagarira abakunzi bumuziki kubandanya bamushigikira bakaja kurubuga rwiwe bakagira j’aime ,partaga, comment.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE