DivertissementEntertainmentKirundi

Indirimbo “Kamnyweso” ya Natacha ibandanya yandikisha amateka

Umuririmvyi kazi Natacha avuga ko indirimbo “KAMNYWESO” isigura “inzoga kavukire” yari imaze ukwezi kumwe itarasohoka kuko yashatse ko isohoka  inyuma  yamapfungo. 

Uyo muririmvyikazi Natacha azwi kw’izina rya Ngendabanka Natacha la boss ashikiriza ko iyo ndirimbo yakorewe mu gihugu kibanyi ca Tanzania ariko amasanamu akorerwa mu gihugu c’Ubuganda. Iyo ndirimbo ngo yamutwaye uburyo bwinshi kugira isohoke. Natasha agira ati: “Iyo nkoze umuziki  sindaba uburyo nkoresheje kuko buba ari bwinshi kandi simparura ko azakugaruka kuko ndakunda umuziki bigatuma ntaharura inyungu”.

Ngendabanka amenyesha ko umuryango wiwe utakiri mu Burundi ubu ubarizwa mu gihugu c’Ubutariyano kandi iyo aje mu Burundi aba aje kubijanye n’umuziki mu gukora ibiteramwo no kwitabira ubutumire bw’ibimenyesha makuru biba vyamutumiye.La boss agira ati :”Ivy’amasezerano nzobibamenyesha hageze  kuko haracari ivyo tutaraheza”.

Natasha ni umwe mu baririmvyi kazi badakunda ibiteramwo ashima gukora ibiteramo 3 mu mwaka ibindi bikorwa bikaba ivyo gufasha abatishoboye mu kubaronsa imfungurwa.Uyu mwaka ngo agiye gukora cane kugira ngo abadanye aryohera  abakunzi biwe. Arasaba abakunzi biwe ko bokora udusanamu duto utwo bita “challenge”.

La boss arashimira  abantu barikumwe mu gikorwa  c’umuziki uko  babikora neza kugira ngo igikorwa ciwe kigere kure, agatumirira abakunzi biwe kubandanya bamukurikirana kumbuga ngurukana bumenyi asanzwe akoresha.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE