DivertissementEntertainmenthomepageKirundiMusic

Indirimbo nshasha ya Bain Turo yoba ari iya nyuma 

Umuririmvyi Bain Turo avuga ko yatanguye kubona  ibimenyetso bimwereka ko umwanya  n’umwaya ashobora kwitaba Imana. Bimwe muri ivyo bimenyetso n’ingwara agendana muri we imubangamiye muri kino gihe. Ashaka gusigira indirimbo abakunzi b’umuziki bazosigara baramwibukirako mu gihe azoba atakiriho.

Uyo murirmvyi Bain Turo ashikiriza ko indirimbo yasohoye ivuga ahanini ku buzima yaciyemwo. Mu gutunganya iyo ndirimbo, Bain Turo yamaze imisi itatu arara mu nzu ihinyanyura umuziki. Akabirya  kari muri iyo ndirimbo n’uko yayisohoye ku musi w’amavuko yiwe ariko ikiba yagiye ku rubuga rwa YouTube   ku musi ukurikira.

Bain Turo amenyesha ko ashaka kwibukwa nk’uwafashije cane kugira ngo umuziki ndundi ugere ku rundi rugero. Arashimira abantu bose bamufashije kugira ngo akore amasanamu y’iyo ndirimbo. Arasaba  abakunzi bumuziki ko  bobadanya bamushigikira kugira ngo nawe aje gukora ibiteramo mu bindi bihugu.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE