DivertissementEntertainmenthomepageKirundiMusic

Indirimbo nshasha ya Cinjire iriko iravyifatamwo neza

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano akaba kandi n’umuririmvyi Pierre Nkurikiye azwi kw’izina rya «Cinjire»  haheze indwi zitatu asohoye indirimbo yise «WĀ SÈKE». Iyo ndirimbo iri ku muvuduko udasanzwe ku rubuga rwiwe rwa YouTube. Ni indirimbo igira icenda  muri album igira kabiri.

Umuririmvyi Cinjire avuga ko iyo ndirimbo irimwo amajambo y’ikiyago hagati yawe n’inyoni, “Iseke”.  ISEKE ni inyoni isa n’umuhondo ikunze kuja kwona ibigori vyeze. Cinjire rero yari yarimye ibigori mu nyuma iyo nyoni iza kumwononera niko kuyibaza igituma iriko iramwonera ibigori nayo iramwishura iti : “Jewe sinonona ibuka wa musi w’ubugeni ijambo mwemeye y’uko muzogira ivyona n’ivyonona, jewe rero  ndiko ndashitsa ivyo mwemeye”.

Cinjire ashikiriza ko yatanguye kurirmba akiri mu mwaka wa gatanu w’amashure matomato kw’ishure riri muri zone Mubuga mu ntara ya Gitega. Ico gihe bariko bategura uturirimbo tw’umusi mukuru w’abavyeyi niho yatunganya akaririmbo kiwe bwite abandi baragakunda. Mu nyuma yaciye yinjira mu murwi wo kuririmba (chorale). Mu mwaka wa 2007 yaciye yandika indirimbo yiwe ya mbere yise «Musi y’ijuru». Gushika ubu afise album 2, imwe igizwe n’indirimbo 21, icumi muri zo zikaba zidafise amasanamu. Album ya 2 ntirahera neza, kugira ngo ihere neza  asigaje indirimbo zitatu ariko uyu mwaka akaba afise intego yo kuyiheza.

Umuziki kuri we uramuryohera ntabwo awukora nk’akazi ariko akaba afise icizere ko umusi uri izina uzomuhemba. Indirimbo ziwe zose niwe aziyandikira akongera agashiramwo amafaranga yiwe. Arashimira abantu bamufasha kugira ngo amasanamu asohoke asa neza.

Pierre Nkurikiye avunira akagohe abaririmvyi bagenzi we ko boza barandika indirimbo nziza badashizemwo ivyo gutyoza bagenzi babo. Indirimbo ziwe zirimwo ubutumwa bwo gukunda igihugu n’imico ndundi.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE