EntertainmenthomepageKirundiMusic

Indirimbo nshasha ya Drama T ni ubuzima yaciyemwo “true story”

Umuririmvyi Drama T avuga ko indirimbo yasohoye yise “sambolela” irimwo amajambo y’ivyo yaciyemo. Drama T agira ati: “mu kwandika indirimbo nanditse nicaye ahantu kandi nari kumwe n’umugenzi mu nyuma twiyumvira umudiho dutangura gutora umudiho w’igishinwa ariko mu nyuma dutora umudiho ugira cumi muzo twari dufise. Amasanamu yakorewe mu Burundi”.

Uyo muririmvyi Irakunda Hery akaba n’umwanditse w’iyo ndirimbo, yavukuye i Muyinga. Ashikiriza ko umukobwa yagaragaye mu masanamu y’iyo ndirimbo aba muri swède kandi niwe yiyambitse. Amwe mu majambo yari muri iyo ndirimbo n’uko yashatse kubwira umukunzi wiwe ko yomwumviriza akareka kuraba ivy’abakongomani.

Drama T amenyesha abakunzi b’umuziki wiwe ko bokwitega ikindi gikorwa gishasha kigiye gusohoka kandi akaba afise umugambi wo gukora ikindi giteramo citiriwe Drama T concert part 2. Ihangiro afise ni iryo gukora umuziki mwiza ugashika kure nk’uko abandi babikoze. Ahamagarira abantu bafise imitahe kandi bakaba bakunda umuziki ndundi ko boja hamwe mu guteza imbere abaririmvyi b’i Burundi no kujabutsa ibikorwa vyabo mu makungu.

Iradukunda Hery ahanura abaririmvyi bagikora indirimbo zifise amasanamu adasa neza ko bokwikubita agashi bakabiheba kuko ngo bituma indirimbo zitakaza akanovera. Uyu mwaka agiye gukora vyinshi mu muziki ndundi.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE