DivertissementEntertainmentKirundiMusic

Indirimbo “RIMWE GUSA” ya Gentille Iteriteka hari ico uyiziko

Umuririrmvyikazi Gentille Iteriteka avuga ko umwuga wo kuririmba yawutaguye akiri muto. Yatanguye kuba umutamvyi w’amasanamu mu nyuma bimuviramwo kuba umuririrmvyi yandika indirimbo akazisohora. Arashimira abantu bamutera intenge bamubwira ko ashoboye kurirmba kandi ko bizomushikana kure abifashe nk’akazi.

Uyo muririrmvyikazi akongera akaba umwanditsi w’indiririmbo yise “Rimwe” ikaba ari inkuru y’ukuri. Ashikiriza ko ataje gukora nk’abandi bigeme b’abaririmvyi babikora kuko umugambi afise aruwo guteza imbere igihugu akizeza abakunzi biwe ko vuba cane agiye gusohora ikindi gikorwa.

Gentille amenyesha ko afise indoto zo gukorana n’umuririmvyi Big fizzo. Agasaba ko yoronka nk’abamufata mu mungongo, izindi ndirimbo afise zitarakorwa ariko aza amanze kwandika nazo zyoca azikora kugira ngo abakunzi b’umuziki babandanye baryoherwa n’indirimbo z’abarundi. Indirimbo za Gentille azikora mu midiho itandukanye.

Arashimira abantu bamufashije kugira ngo ico gikorwa ca mbere gihere n’abagishikanye kubantu batandukanye uno musi ikaba iriko iravuzwa ahantu hatandukanye. Atumirira abakunzi b’umuziki kuja ku rubunga rwiwe rwa YouTube kuraba ico gikorwa hamwe no kugishigikira.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE