Umuririmvyi D One avuga ko icatumye ahindura umudiho utandukanye n’indirimbo akora aruko yashatse kwerekana akaranga k’u Burundi mu makungu. Iyo ndirimbo nshasha ni imwe mu bikorwa yakoze cane gusumba izindi arico gituma yatevye gusohoka. Ahanura abandi baririmvyi kwiyumvira kure ntibagume muri birya nyene kuko bituma umuziki udashika kure.
Uwo muririmvyi azwi nka Dieudonné Ndayikengurukiye ku mazina yahawe n’abavyeyi ashikiriza ko iyo ndirimbo yabatije «TESA» atari inkuru y’ukuri ariko yayandikiye abantu bariko baca mu bihe nk’ivyo. Iyo ndirimbo ikaba yamutwaye uburyo bwinshi. Ahamagarira abakunzi biwe kuyikorera udusanamu dutoduto (challenge) kugira ngo ishike kure.
Dieudonné agira ati :”hari ikibazo kigize imisi kizunguruka mu bantu, ariko ico bomenya nuko umudiho nakoresheje wari wamaze gutorwa mu nzu ihinyanyura umuziki kuva kera. Habaye ikibazo co gusohara ico gikorwa kare nico gituma abantu benshi bariko bayitiranya n’iyindi ndirimbo ntazi n’uwayiririmvye. Mu gukora ibikorwa vyanje ntandukanye n’abandi baririmvyi kuko simba nipfuza gusohora ibikorwa birya nyene imyaka yose. Dutegerezwa kuzana ibintu bishasha kugira ngo umuziki wacu n’igihugu cacu bishike kure nk’ibindi bihugu”.
D One amenyesha ko intambamyi yagize ari nyishi kugira ngo ashike kuri runo rugero ashitseko. Ivyo vyose vyatumye amenya abantu bamwe bamwe ko atari abagenzi biwe, ariko arashimira abantu bama bamutera intege n’abamushigikira gushika kuri runo rugero agezeko.
Dieudonné Ndayikegurukiye avuga ko afise umugambi wo gukorana n’abandi baririmvyi bari mu bindi bihugu agasaba abakunzi biwe kuguma bakurikirana ibikorwa vyiwe ku rubuga rwiwe rwa youtube.