Les jumeaux music bahuriye kw’ishure muri Kaminuza y’Uburundi. Bamaze guheza ishure baciye batanguza umugwi “les jumaux music”, hari mu mwaka 2014 aho baja kuvugiriza abantu mu birabo mu nyuma baca baronka umuntu abaha ikibaza baca barabandanya kugeza ubu.
Gushika ubu, bageze ku bantu mirongo itatu (30 ) bisigura ko bashobora guhemba abantu bangana uko kubera umuziki bawugizi akazi.
Uyo mugwi w’abaririmvyi bakaba bafise indirimbo basohoye bise “Toto ndogo” ikaba yakunzwe n’abantu isinzi. Icatumye biyumvira kugira “Collabo” n’umuririmvyi w’umurundi Kingorogoro ngo n’uko bumvirije indirimbo yakoze basanga zirimwo impanuro babona gukorana. Iyo ndirimbo bavuga ko yanditswe n’umuririmvyi nkabo yitwa Fabrice.
Umwe wo muri uyo mugwi yitwa Donatien Bazoshaka azwi nka “Polite” akaba yavukiye mu ntara ya Muyinga, komine Gasogwe; uyundi yitwa Nduwayezu Braise azwi nka “ ENi Braise “ nawe avuka mu Kirundo. Bavuga ko indirimbo yabo ya mbere bayisohoye mu mwaka 2014 bayita “ igira ubuntu” mu nyuma baca barasohora iyindi y’aba diaspora b’ i Burundi n’izindi zirenga ijana (100).
Basigura ko ari vyiza gusohoka igihugu kuko bizana kumenya vyinshi kandi bikanugurura ubwenge bikazana no kumenyana n’abandi gutyo umuziki ndundi ukagera kure n’amahera y’agaciro akinjira mu gihugu.
Barashimira abantu baguma babafata mu mugongo kugeza ubu banatumirira abakunzi b’umuziki kuguma babakurikirana ku mbuga zabo nka youtube na facebook kugira bagume baryohegwa n’ibikorwa vyabo.