Umuririmvyi Gaaga Blue avuga ko ukubura kwiwe mu muziki ari kubera yahuye n’ikibazo c’uwamufasha nka manageur yitavye Imana bica bituma ibikorwa vyiwe bicumbagira muri iyo myaka yose. Vyatumye kandi atakaza urubuga rwiwe rwa youtube ariko ubu akaba afise urundi rushasha.
Uyo muririmvyi ashikiriza ko n’aho yari amaze igihe kitari gito atariko akora yagumye yandika indirimbo. Amaze kuronka iyindi management yaciye asohora indirimbo yise “Amashi” ikaba iriko ivyifatamwo neza muri kino gihe .Atumirira abakunzi biwe ko bomushigikira nka mbere kuko atagarutse kubasinziriza ariko agarutse n’ibindi bikorwa bishasha batari bamenyereye kuri we kuko ubwa mbere yagira hip pop gusa ariko ubu agiye gukora mu midiho nka yose .
Gaaga Blue amenyesha ko mu kwandika iyo ndirimbo ari uko yiyumviriye abakobwa ukuntu bahendwa na vyinshi aca yipfuza kubahanura akoresheje umudiho w’akaranga. Mu gutora umudiho no kwandika umutwe w’iyo ndirimbo nuko bagiye hamwe nuwo babifashanya baca biyumvira ukuntu abantu bakunda kuririmba mu manza bagakoresha akajambo « Amashi »niho guca yandika iyo ndirimbo.
Akizeza abakunzi biwe ko atagarutse gusinzira ariko agarutse gukora n’inguvu nyishi kandi ko afise indirimbo ziri mu nzu ihinyanyura umuziki agize ngo arazisohoye yo mara imyaka itatu adasubiye gukora arico gituma atumiye abakunzi b’umuziki gusubira kandi kumwizera nka mbere kuko indirimbo zihari kandi zizobashimisha . Agasaba kubakunzi b’umuziki kuja ku rubuga rwiwe rushasha rwa youtube kuragira bamushigikire.