Bamwe mu Bashingamateka b’abarundi baranegura amasezerano ari hagati ya leta y’uburundi n’ishirahamwe Sotrevo Mining Company limited rigiye gucukura ubutare bw’i Murehe mu ntara ya Kirundo.
Mu gihe Sotrevo mining company rizocukura ubutare bwa castelite , Colombo tantalite nubundi bijana rizoronka ibice 80% vy’umwimbu, Uburundi bwo buzoronka ibice 20% . Ivyo bice bizoja muri leta ntibishimisha na gato bamwe mu bashingamateka nka Euphasie Mutezinka kuko bavugako Reta arico gisata yari yizeye ko kizoterera biboneka mu kigega ca Reta ng .
Ntibishimisha abatowe mu gihe banerekana ko n’umutahe wo kubucukura uzotangwa na Reta y’uburundi.umushingamateka Pamphile Malayika avugako abarundi bari biteze umwimbu atamutahe barinze gutangura gutanga kuko babwiwe ko ubwo butare buri hejuru utirirwa uracukura cane ariko ubu leta y’Uburundi ikazobanza gushiramwo ayarenga imiliyaridi 24.
Umushikiranganji ajejwe ikigega ca leta Nestor Ntahontuye, ari umutumire mu nama nshingamateka ku musi wa kabiri igenekerezo rya 24.12.2024 arahakana ko leta itazotahira ibice 20 % gusa,agasigura ko no mu bice 80% Sotrevo Mining Company limited rizotwara hariho ivyo leta izoronka ko.
Inama nshikiranganji idasanzwe yize kuwa mbere igenekerezo rya 23.12.2024 amasezerano ahuza leta y’Uburundi na Sotrevo Mining Company limited yemeje ko muri ivyo bice 80 % hazovamwo amahera yo kubungabunga inyubakwa nibikoresho inyuma yayo masezerano. Ubutare buzova I Murehe bushobora kungana n’amatoni imiriyoni 12.700.000 hisunzwe ivyirwa vyakozwe niryo shirahamwe.