Abadandaza b’ivyamwa mw’isoko nkuru ya Cibitoke baridoga ko muri kino gihe bakora bahomba,ahanini bivuye ku bukene bw’igitoro .Bamwe mu badandaza bemeza ko uretse ko ivyamwa vyazimvye haraho bishika bikabononekerako kuko abaguzi atari ikirenga .Abo badandaza basaba ko ikibazo c’igitoro cokemurwa.
Bamwe mu badandaza b’ivyamwa mw’isoko nkuru ya Cibitoke,bemeza ko muri kino gihe,ivyamwa vyagabanutse,ivyo navyo bikaba ngw’ahanini vyoba biva ku bukene bw’igitoro.Abo badandaza bemeza ko kwiyunguruza baja kubirangura bibagora cane kuko bibasaba n’uburyo bubavuna.Urugero rw’ivyamwa muri iyo soko nk’imyembe, inanasi, pastèques, ivoka n’imihwi bikaba vyaragabanutse kuva aho igitoro gitanguriye gukena ,bamwe mu badandaza bakaba bahavuye bahitamwo guhagarika gukora urwo rudandazwa rwabo.
Ikindi kigaragara n’uko n’igiciro caduze kuko nk’ imyembe yahora igurwa amafaranga 1000 ubu igeze ku mafaranga 5000 mu mafaranga y’amarundi, abadandaza bakemeza ko naho nyene abaguzi batihuta nk’uko vyahora. Abo badandaza banegura ko hari naho bishika ikababorerako ahandi naho bagahitamwo kuyigurisha ku mafaranga make.
Nk’uko kandi bibandanya bishikirizwa nabo badandaza ni uko nabahora bava i Bujumbura batakiza kurangura ivyamwa muri iyo soko ya Cibitoke kubera ubwo bukene bw’igitoro butuma kwiyunguruza bizimba.
Abasanzwe bakorera mw’isoko ya Cibitoke babona ko ikibereye aruko hoboneka ibitoro hanyuma n’imbibe zikugururwa, ivyotuma n’abaguzi biyongera.