AgricultureCommercehomepageKirundi

Kanyosha: Baratewe impungenge n’ibura ry’ubumaramasenge

Bamwe mu barimyi b’igitoke bita akamaramasenge bo mu gisagara ca Bujumbura baratewe umutima uhagaze n’ico giterwa gisa ni’kiriko kirabura bivuye ku ngwara yabiteye. Abo barimyi bavuga ko ari uruhombo ku miryango yabo kuko arico cahora kibasahiriza.

Abo barimyi bamenyesha ko akamaramasenge ari imihwi ahanini iribwa n’abana tutibagiye n’abakuze. Bavuga ko ico giterwa gisa n’icazimanganye biturutse kw’isi ndimwa yatitutse. Ubu ivyo bitoke ntibikirwiriye cane kubera iyo ngwara yabiteye. Bifise ubwoko butandukanye: hari ivyamira hagufi nk’ivyo bita ikigurube, akamaramasenge, icige n’ubundi. Nka vyose ubu biriko birahona bivanye n’uko isi igenda irahindagurika.

Ni mu gihe mu myaka iheze ico gitegwa cari cijukiwe cane. Abo barimyi basigura ko ari uruhombo kuko abana babo batakironka imihwi bafungura kandi iri mu vyubaka umubiri. Babona ko ico gitegwa kitozimangana bagasaba ko boronswa imbuto za kijambere.

Abadandaza nabo nyene barakozweko n’ikena ry’ico giterwa. Bamwe bavuga ko bakironka nko mu ntara za kure y’igisagara bigatuma bakora bahomba ivyo bigatumwa no kubera aho ivyo bitoke vyari bigwiriye mu ntara ya Bujumbura bigenda bigabanuka buri mwaka bitumwe n’ingwara  hamwe n’itituka ry’isi. Ivyo kandi bigatera ingorane abaguzi aho bavuga ko ico gifungurwa bakigura kizimvye. Bavuga ko ihando rimwe rigurwa amafaranga ibihumbi icumi (10.000Fbu) canke cumi na bibiri (12.000Fbu). Ivyo bituma bahitamwo kureka kukigura  bagahitamwo kugura umuceri canke ibiharage.

Ivyo biri uko mu gihe ihando ryahora rigurwa amafaranga ari hagati 5000 Fbu na 10000 Fbu ubu rigurwa amafaranga ari hagati ya 10.000 Fbu na 15.000 Fbu mu mafaranga y’amarundi.

Basaba ko boronswa imivyaro mishasha irinda iyo ngwara kugira ico giterwa kigarukirwe. Bamwe mu bayobozi bavuga ko ico kibazo kimaze gushikanwa ku bajejwe ico gisata kandi hari ibigiye gukorwa.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE