EntertainmenthomepageKirundiSport

Karate Burundi : Umugwi Léopard niwo waraye utahukanye igikombe n’imidari myinshi 

Ihiganwa rya karate ryari ryateguwe ku rwego rw’igihugu n’ishirahamwe rya Karate mu Burundi ( FEBUKA) ryaraye risozerewe.

Iryo higanwa ryatanguye kuva ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 23 gushika ku musi w’Imana igenekerezo rya 24 Myandagaro umwaka wa 2025 rikaba ryabereye mu ntara ya Gitega kw’ishure kaminuza ry’igitega UPG ( Université Polytechnique de Gitega).

Iryo higanwa rikaba ryari ryateguwe mu ntumbero yo kuraba ibijanye n’ubuhinga bw’abakinyi ba Karate ndetse no kuraba ingene bokwubaka umugwi nserukira gihugu wa karate ukomeye ushobora kuronka intsinzi mu gihe bazoba baserukiye igihugu.

Iryo higanwa rikaba ryitabiriwe n’imigwi 15 yo mu ntara zigize igihugu c’Uburundi, ryitabirwa n’abakinyi bashika kuri 229 , muri abo harimwo abahungu 173 n’abakobwa 56.  Ni irya mbere iryo shirahamwe ritunganyije iryo higanwa hakitabira igitigiri nk’ico.

Abakinyi bitabiriye iryo higanwa bagabuye mu mice itandukanye ku myaka, hari abatarenza imyaka 10, abatarenza imyaka 12 , abatarenza imyaka 14 , aba Cadet , abakiri bato uhereye ku myaka 16 benshi bita (Junior ) ndetse n’abakuze bahera ku myaka 18 kuduga benshi bita ( Senior).

Nzikoruriho Sylvain asanzwe arongoye ishirahamwe ry’urukino rwa Karate mu Burundi arashimira Reta y’Uburundi biciye idahengeshanya gushigikira inkino.

Nagomba mbanze mfate kano kanya ubwa mbere nshimire Reta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji muvyo bujejwe harimwo urwaruka n’inkino , n’ukuri baradufata mu mugongo , barafata mu mugongo inkino na cane cane urukino rwa Karate , kuko twama twasohotse imisi yose kandi bama badushigikiye, ntitworeka no kubashimira ku rugendo duherukamwo muri Nigeria twarashoboye kuzana imidari 7 harimwo n’umwe w’ifeza n’imidari 6 y’umujumbu “

Mukurangiza yaboneyeho na gutanga ubutumwa ku bantu bama bibaza y’uko urukino rwa karate ari urukino rw’abantu batisoneye canke bafise iyindi mico.

Yagize ati ” Nagomba nce mboneraho n’akaryo ko gutera akamo, hariho abantu biyumvira urukino rwa Karate nabi , bagafata ko urukino rwa karate rukinwa n’abantu batisoneye , abantu bagenda barasinda canke bafise iyindi mico , abasuma n’ibindi… mugabo nagomba ndabamenyeshe y’uko urukino rwa karate rukinwa n’abantu bisoneye wanashima ni urukino rufise akamaro kanini cane kumagara y’abantu , ubwambere turukina kugira amagara yacu yifate neza , ubwa kabiri bidufasha kwivuna mu gihe umuntu aba yatewe. Akoresha ibirwanisho Imana yamuremanye nk’amaboko n’amaguru , ubugira gatatu ifasha kwitabira nkino mpuzamakungu. Nagomba ntere intege abakobwa , kubantu bakunda kubaca intege mwabonye y’uko abakobwa bashika kuri 56 , abakobwa rero baracari ku rugero ruto muvya karate kubera y’uko hariho ababaca intege , ugasanga bababwira y’uko iyo umudemu akinye karate azoca akubita umugabo. Nagomba ndababwire y’uko karate itanga indero , abadamu bakina karate ni abadamu bubaha cane abagabo babo”.

-Umugwi Léoprad niwo watahukanye ikibanza ca mbere n’imidari 13 y’inzahabu hamwe n’igikombe ndetse n’ibahasha ry’ibihumbi amajana atanu ( 500.000FBU),

– Umugwi wafashe ikibanza ca kabiri ni umugwi wa PUMA waronse imidari 8 ndetse n’ibahasha ry’ibihumbi amajana atatu (300.000FBU)

– Mu gihe umugwi wafashe ikibanza ca gatatu ari umugwi Nihonnukite waronse imidari 7 n’ibahasha ry’amafaranga ibihumbi amajana abiri ( 200.000FBU).

Mwomenyako ko iryo higanwa ryama riba buri mwaka.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE