Bamwe mu barimyi bo mu ntara ya Kayanza baridoga ko batabona uko bazoronka imbuto y’ibigori mu gihe ikiro c’intete kiriko kigurishwa amafaranga ari hagati y’ibihumbi mirongo ibiri na mirongo ibiri na bitanu. Ico giciro babona ko kiri hejuru ugereranije n’amikoro yabo.
Mu gihe bamenyesha ko igikorwa c’ukurima mu mwonga kiriko kigenda neza basaba ko reta yokora ibishoboka vyose ikabaronsa imbuto ku giciro kitavuna ndetse n’ifumbire iboneke kare kugira ntibazohave baraza ubusize.
Abo barimyi bashikiriza ko bariko baritegurira irima ryo mu mwonga bongera begeranya ifumbire y’ikirundi. Mu burorero batanga mu bibahanze, nk’imbuto y’ibigori yitwa PAM53 igurishwa amafaranga ibihumbi 25, iyitwa bazoka ikaba igeze ku giciro c’ amafaranga ibihumbi 20 ku kiro bakabona ko izo mbuto uko zizimvye ubu n’iteragira ritaragera rizogera zazimvye gusumba, ivyo bakabona ko bitagiye kuborohera na rirya babona ko bari mu bukene budasanzwe hakongera ko n’ivyo bimbuye bitarangurwa kugira ngo bashobore kwikenura.
Babadanya bamenyesha ko ifumbire y’ikizungu itariko iraboneka uko bitegekanijwe bagira bati: “n’aho ibonetse bayitanga ku kimenyane n’abatanze amafaranga yabo bararindira bakabura”. Basaba reta kubaronsa imbuto y’ibigori ku giciro kitavuna ikanakurikiranira hafi ifumbire y’ikizungu igashikira abayisavye kuko muri iryo rima riheze bakoresheje umwavu ry’ikirundi gusa vyaciye bituma umwimbu utagenda neza.
Mu buyobozi bw’intara muvyo bujejwe harimwo igisata c’uburimwi bavuga ko ku matoni 80 y’imbuto y’ibigori hamaze kuboneka amatoni 40.