DivertissementhomepageKirundisécurité

Kayanza: Hari ikiziga c’umugabo caraye gitowe musi y’inkombe y’ibarabara

Mu gitondo co kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2025 hatowe ikiziga c’umugabo azwi ku mazina ya Gorges Nshimirimana yaba ku musozi Mwendo komine n’intara ya Kayanza. Mu nzego zijejwe umutekano aho mu Kayanza bamenyesha ko amatohoza yatanguye kugira bamenye icahitanye uwo muntu.

Ikiziga c’uyo mugabo catowe musi y’inkombe y’ibarabara. Mu maso no ku mutwe hari huzuye ibikomere bisa nk’aho yishwe akubiswe cane. Uwo muhisi akaba yari asanzwe akora akazi ko kwisumamwo mu kwahirira ibitungwa, kwikorera imizigo hamwe no kurima.

Bamwe mu bamubonye ubwa nyuma ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri bavuga ko yagorobeje yivuna akanyota mu bunywero bumwe bwo kuri uyo mutumba. Babandanya bamenyesha ko boba bagomba kumusahura udufaranga yari yahembwe.

Abajejwe intwaro muri komine Kayanza bahamagarira abo barongoye kubandanya bahagarariye amahoro n’umutekano. Mu bajejwe umutekano naho bamenyesha ko amatohoza yatanguye kuri urwo rupfu rwa Gorges Nshimirimana.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE