Droits de l'hommeKirundi

Kayanza:Abagabo babandanya guhohoterwa n’abakenyezi bubakanye

Abagabo 7 baramaze kwitaba Imana mu kiringo camezi 10 kuva umwaka wa 2024 utanguye biturutse kwihohoterwa bakorerwa n’abo bubakanye. Abagabo bashika 51 nabo baramaze kwitura ishirahamwe “Abagabo mu gahinda”basaba kwahukana nabo bubakanye.

Mu gihe igenekerezo rya 19 Munyonyo ukwo umwaka utashe hama hahimbazwa umusi mpuza makungu wahariwe agateka k’abagabo,uwuserukira imbere y’amategeko ishirahamwe“Abagabo mugahinda” Boniface Nshimirimana avuga ko Uburundi butaremeza uwo musi canke ngo butere umukono ku masezerano mpuzamakungu awugenga mu ntumbero yo guharanira hamwe no kugwanira agateka kabo.Iryo shirahamwe ryerekana ko  ivyo bituma ugutabaza kw’abagabo bakorewe amabi bihura n’inzitizi.

Boniface Nshimirimana asaba reta guhinyanyura amwe mu mategeko ahana canke akavuga ibijanye n’amabi afatiye ku gitsina kuko ngo biboneka ko habaho ivangura ku bakoregwa amabi bigatuma umenga amategeko hariho abo akingira iyo bakoze amabi.Uyo arongoye ishirahamwe “Abagabo mugahinda” asaba Reta kandi gukuraho ijambo ryita abagore abanyantege nke kuko ngo ribaha inguvu zo gukorera amabi abagabo babo.Iryo shirahamwe riranongera kandi rigasaba ikurwaho ry’itegeko ryo kugaburira amatungo abahukana kuko ngo bituma umugore yigenza ku mugabo yisunze amatungo afise kuko aziko bavanye bazoyagabura.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE