AgricultureCommerceEconomieKirundi

Kayanza:Igiciro c’ikiro c’ubwishaza gishishikara kuduga

Abasanzwe bihereza ubwishaza ku murwa mukuru w’intara ya kayanza baridoga ko ico kiribwa kibandanya kiduga igicira kurugero ruteye amakenga muei kigo gihehe hegereje imisi mikuru irangiza umwaka.Ubuyoboyi mu ntara buraba ivy’uburimyi buhimiriza abarimyi kwijukira kurima ubwishaza burinda indwara.

Bamwe mubanyagihugu baba mu gisagara ca Kayanza bavugako igiciro c’ubwishaza caduze,iduga bavuga ko ahanini riva ku ndwara itaramenyeka yateye ico giterwa bigatuma umwimbu uba muke.Yamara bakanegura ko  nuwushoboye kuboneka ukadandazwa ku biciro biri hejuru.Basigura ko ikiro cahora kigurwa amafaranga ari hagati 4000 ni 5000,ubu ikiro kikaba kigeze ku mafaranga ari hagati 10.000  ni 12000.

Bamwe musanzwe barima ico giterwa, basaba ubuyobozi bw’intara bujejwe uburimyi gutorera inyishu ico kibazo mu kuronsa abarimyi imiti y’ukurwanya iyo ndwara,ivyo bigatuma umwimbu wongerekana ibiciro na vyo bikagabanuka.

Umuyobozi mubiro vy’intara Adrien Niyonsaba avugako ubwishaza buzimvye kubera hari ikiringo bwatewe n’indwara bica bituma butimbuka, baca bijukira kurima ibigori kubwinshi baca basa naba buhevye bica bituma umwimbu ugabanuka k’urugero ruri hejuru.

Uyo muyobozi amenyeshako muri kino gihe indwara atayikihari bakaba bariko barahimirizwa kuza baratera imbuto nziza bijukira nokurima bwinshi kuko burimwa amafaranga ni mugihe bwashitse ku mafaranga ari hagati 20.000 ni 22.000 mu myaka itatu iheze mw’isoko nkuru yo mu gisagara ca Kayanza.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE