Kazuyoshi Miura, umukinyi w’umupira w’amaguru w’Umuyapani w’imyaka 58, arabandanya akina umupira z’amaguru nk’uwabigize umwuga. Kazuyoshi Miura akaba yavutse igenekerezo rya 26 ruhuhuma 1967. Kazuyoshi yatanguye gukinira imigwi nka Shizugaku HS yo mubuyapani aho hari mu mwaka 1982. Mu Buyapani ntiyahamaze umwanya munini kuko muri uwo mwaka nyene yaciye asinya amasezerano n’umugwi wo mu gihugu ca Brésil Juventus SP aho yawukiniye imyaka 2.
Inyuma yo gutandukana n’uwo mugwi yagumye muri ico gihugu ca Brésil kuko 1986 yaciye yiyunga n’umugwi Santos, ariko yagiye ahindagura imigwi aho yavuye muri Santos aja muri Coritibia FC 1989.
Mu mwaka 1990 yaciye asubira mu gihugu c’amavukiro yiyunga n’umugwi Yomiuri FC hanyuma yimukira muri Verdy Kawasaki hanyuma arabandaniriza mu gihugu c’Ubutariyano mu mugwi Genoa.
Kazuyoshi mu 1999 yaciye yimukira mu mugwi Dinamo Zagreb aho yawukiniye umwaka 1 gusa hanyuma asubira mu Buyapani mu mwaka wa 2001. Kazuyoshi arabandanya umwuga wiwe aho yamaze gusinya amasezerano n’umugwi Fukushima yo mu Buyapani! 🤯😍🇯🇵
Kazuyoshi ahinduye umugwi yahora akinira wo muri ico gihugu asanzwe avukamwo mu mugwi Yokohama FC ayo yahora ahembwa amafaranga angana n’ibihumbi 24 vy’amanyaburaya.
Kazuyoshi yatanguye gukina umupira w’amaguru mu 1986. Uyu ni umwaka wiwe wa 41 akina nk’uwabigize umwuga, ubu akaba agiye mu mugwi ugira 18 mu myaka 41 akina umupira w’amaguru. Yarigeze no gukina muri Santos mu myaka ya 1980 aho yakinanye n’abakinyi bakomeye nka Dunga, Sampaio na Sócrates.

























