Abanywanyi babiri b’umugambwe CDP bahagaritswe ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 14 kigarama muri komine ya Mabanda.Umugambwe CDP ushikiriza ko ihagarikwa ry’abo banywanyi riza rihungabanya ibikorwa vy’imigambwe muri iyi misi hariko hegeranywa ama dosiye kugira hakorwe intonde zugaye kubashaka kwitoza k’urwego rw’abashingamateka n’abajenama b’abamakomine.Umugamwe CDP usaba ko abo banywanyi borekurwa hanyuma imigambwe ikoroherezwa mu gukora.
Umuvugizi w’umugambwe CDP Ferdinand Nkurunziza ashikiriza ko abo banywanyi babiri b’umugambwe CDP bahagaritswe ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 14 kigarama umwaka wa 2024 muri komine ya Mabanda mu bumanuko bw’igihugu mu gihe bariko begeranya ibisabwa kugira bashobore gutanga idosiye mu kwitegurira amatora y’abashingamateka n’ayabajenama b’amakomine.Ferdinand Nkurunziza agira ati :” abo banywanyi bafashwe bariko barafotoza amakarangamuntu na twadupapuro biyandikirishizako abazokwitabira amatora (récépissé), mbega gufotoza karangamuntu n’icaha ? kuko atakindi kintu bagirizwa.“
Umugambwe CDP ushikiriza ko ukuburabuzwa kw’abanywanyi b’uyo mugambwe atari ubwa mbere kugaragaye muri iyo ntara ,agatanga uturorero twabanywanyi baburabujwe muri komine Nyanza-Lac na komine Kayogoro.
Umuvugizi w’umugambwe CDP Ferdinand Nkurunziza asaba ko abo banywanyi bapfunzwe borekurwa hanyuma urubuga rwa politike rukugururirwa imigambwe yose.