EntertainmenthomepageKirundiMusic

Madiba Tha Classic aremeza ko umuziki umwinjiriza amafaranga

Umuririmvyi w’umurundi Madiba Tha Classic avuga ko umuziki urimwo amafaranga uzi kuyarondera kuko ivyo afise uno musi abikesha umuziki. Arahanura abandi baririmvyi bamaze gufata indege no kuja gukora ibiteramo mu bihugu vya buraya ko bobivyaza umusaruro bareke guca baja muvyo gukota imiduga izimvye, ibikunze kubasubiza inyuma kandi baba bamaze gutera iyindi ntambwe.

Umuririmvyi hakizimana Issa azwi kw’izina rya Madiba Tha Classic akaba yavukiye mu guhigu kibanyi ca Tanzania akurira muri Afrika y’epfo ariko abavyeyi biwe bakaba ari abarundi. Yatanguye kuja muvyo kuririmba ari mu gihugu c’urwanda aca atangura gukora amasanamu ari mu Burundi.

Uyo muririmvyi ashikiriza ko yashimye gutanguza ibikorwa vyiwe mu gihugu c’Uburundi kubera akunda igihugu. N’aho vyamufashe umwanya munini kugira ngo izina ryiwe rimenyekana vyose arabishima uko vyari biri muri ico gihe. Madiba agira ati: “sinkora umuziki gusa ariko ndafise n’ibindi ndiko ndakora kugira ngo nihagira ico nkenera ndakironke vyoroshe”.

Asigura ko indirimbo yiwe yise “ya kilo”  yayisohoye idafise amashusho kuko haciye haba ikibazo ku bahinyanyuzi b’umuziki ariko mu nyuma baca barabikora neza arico gituma indirimbo ije kuboneka ubu kandi iyo ndirimbo irimwo amashusho meza. Arahamagarira abakunzi biwe kuja ku rubuga rwiwe rwa youtube bakurikirana iyo ndirimbo.

Madiba the classic arashimira abakunzi biwe uko badandanya bamushigikira kandi ngo bitege igikorwa ciwe gishasha kigiye gusohoka mu misi ya vuba.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE