Inyuma yaho abantu icenda bitabiye Imana bahitanywe n’isanganya,abanyagihugu agashavu n’ubu ni kenshi biyamiriza ukutubahiriza amategeko kwabatwara ibintu n’abantu.Abo banyagihugu banegura ko n’igipolisi kijejwe uruja n’uruza rw’abantu akenshi na kenshi bisamaza kandi ayo makosa bayabona.
Agahinda karacari kenshi muri komine Makamba inyuma y’imisi mike ihaciye habaye isanganya ryahitanye abantu icenda. Abanyagihugu twavuganye aho iryo sanganya ryabereye ntibahisha umubabaro n’ishavu bafise.
Bose batunga agatoke ku ngeso imaze kumenyerwa yo gupakira imodokari igitigiri c’ibintu n’abantu kirenze cemewe kandi bizwi ko bishira ubuzima bw’abantu mu kaga.
Nk’uko vyemezwa n’ababibonye twasanze aho vyabereye, ivyo vyose ngo vyoba biterwa n’ukutitwararika kwa bamwe mu bajejwe kugenzura uruja n’uruza mu mabarabara hamwe n’ibiturire bitangwa n’abadereva bamwe bamwe .
Bamwe mubanyagihugu bavugako barambiwe cane n’iyo ngeso mbi ituma imiryango iguma ihekurwa . Bagasaba abajejwe intwaro hamwe n’igipolisi gufata ingingo zikomeye.
Abajejwe uruja n’uruza bemera ibiturire bagahanwa bimwe biboneka, hamwe n’abadereva babitanga.
Eka n’abafata ingendo ntibasigaye inyuma mu kunegurwa. Bamwe mu banyagihugu bavuga ko umuntu wese akwiye gufata ingingo yo kwirinda no kwanka kwurira imodokari yapakiwe birenze urugero.
Tubibutse ko iryo sanganya ryabaye ku munsi wa gatanu rigahitana abantu icenda. Muri bo, indwi bitavye Imana ubwo nyene, abandi babiri bitaba Imana inyuma yo gushikanwa mu bitaro vya Makamba.
Imodokari yakoze iryo sanganya, yo mu bwoko bwa Toyota Probox, yemerewe gutwara abantu batarenze bane.
Ariko uwo musi w’isanganya yari ipakiye abantu cumi na bane bakuze hamwe n’umwana w’imyaka ibiri. Bose uko ari 15 uwutitavye Imana yarakomeze bimwe bikomeye bakibaza uwuzobazwa ivyabaye mugihe n’uwayigendesha yitavye Imana mubandi.























