EconomieKirundi

Makamba:Abadandaza b’ibinyobwa vya Brarudi baridoga

Abasanzwe badandaza ibinyobwa vya Brarudi ku murwa mukuru  w’intara ya Makamba baridogera akamwana wa mama karanga itangwa ryavyo .Abajejwe intwaro baragabisha bakavuga ko muri kino gihe badahengeshanya guca amahadabu abikika mu kiza mu kunyegeza no kuzimba kuri ivyo binyobwa.

Bamwe mu bafise ubunywero ku murwa mukuru w’ntara ya Makamba bashikiriza ko badashima  ukugene ibinyobwa  vy’ihinguriro Brarudi biriko biratangwa muri ino misi .Bamwe mu badandaza bavuga ko baronswa bike iyo bibonetse ahandi naho ntibanabironswe bananegura ko hajamwo akamwana wa mama bakibaza ko ababiranguza hari aboba babinyegeza.

Umwe mubakora akazi ko kosta inyama  avuga ko babona  inzoga zinjiye ariko haheze umwanya ngo zaheze bagashikirizako  babona izindi baca bazitwara muyindi ntara kuzidandaza ku giciro kinini canke bakazitwara kuzidandaza mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya bakidoga ko nivyo bituma bahomba .

 Ivyo bikabatera ikibazo ,bakerekana ko muri kino gihe bariko bakora bahomba kandi ko barishe ibintu vyose kuma komine no muri OBR bakavuga  ko  ubu  batagishobora gutunga imiryango yabo, bagasaba  ko  ivyo binyobwa bibonetse  vyotangwa mu muco.

Abajejwe intwaro bo muri iyo ntara bakavuga ko bagize imisi baca  amahadabu abadandaza banyegeza ivyo binyobwa naba biduza ibiciro .

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE