EconomieKirundi

Matongo:Abanyagihugu basaba kuronswa umuyagankuba

Imyaka ishika kuri 10 irakwiye abanyagihugu baba k’umutumba Matongo muri komine Matongo intara ya Kayanza  aho bita “kwizamu” bemerewe umuyagankuba ariko bakaba batarawuronswa.Uburongozi bwa komine Matongo buremeza ko ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi ryatevye ariko akizeza ko ushobora gushitswa umwanya uwariwo wose.

Abo banyagihugu bavuga ko umugambi wokubaronsa umuyankuba watangujwe muri ico gice haraciye hafi imyaka igera kuri 10 ,aho hashinzwe amapoto y’amatara ariko inyuma yivyo bikorwa amaso agahera mu nzira.Bamwe muri abo bakavuga  ko bamaze kurambirwa n’imihango  baguma bahabwa ariko adashika na cane cane ko batamenya iyo biherera.Abo banyagihugu bashikiriza ko iryo kena ry’umuyagankuba rituma hari imwe mu mirimo idashobora kurangurwa.

Abasanzwe bakora ubuzi busaba umuyangankuba nk’abakoresha ama mashine yo kumwa bavuga ko bikora k’umuyagankuba uva kumishwarara y’izuba kugira baronke umuriro uva kumishwarara y’izuba,ariko ngo iyo imvura iguye ibikorwa bica bihagarara.

Alice Nsabiyumva arongoye komine Matongo nawe nyene aremeza ko ico kibazo co kubura umuyagankuba giteje ingorane muri ako gace ariko akavuga ko icirwa c’ivyokenerwa kugira ico gikorwa kive mu nzira c’amaze gukorwa kugir ngo habonetse uwofasha agire ico afatirako.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE