homepageKirundi

Meta yahagaritse imbuga za bamwe mu batanzaniya

Mu gihe hasigaye umunsi umwe gusa ngo habe imyiyerekano yiswe iy’ amahoro kandi idafise iherezo, yahamagajwe kuri uyu wa 09 Kigarama 2025 muco bise “#D9”, uyu munsi niwo igihugu ca Tanganyika caronkeye intahe y’ukwikukira muri 1961, imbere y’ uko ciyunga na Zanzibar kikaza kwitwa Reta yunze Ubumwe ya Tanzaniya.

Umuvugizi w’igiporisi ca Tanzania, Komanda David Misime, umuvugizi w’ igiporisi ca Tanzaniya yamenyesheje ko iyo myiyerekano itemewe n’ amategeko kandi ko naho hariho abariko barayihamagaza ku mbuga ngurukanabumenyi, ata muntu n’ umwe aratanga ibisabwa kugira ngo ikorwe ku mugaragaro nk’ uko amategeko abitegekanya.

Komanda Misime yavuze ko hari ibikorwa vy’ imigumuko biriko birategurwa biciye ku mbuga ngurukanabumenyi, yamenyesheje ko igiporisi citeguye bikwiye guhagarika iyo “migumuko”. Misime yongeyeko ko abari inyuma y’ iyo migumuko bataramenyekana ku mugaragaro, kandi ko bakoresha inimero z’ amaterefone zo hanze y’ igihugu ca Tanzania mu gutegura ivyo bikorwa kugira ngo ntibafatwe vyoroshe.

Ibintu biri uko mu gihe Reta Zunze Ubumwe za Amerika zamenyesheje ko ziriko zisubiramwo kwihweza uko imigenderanire yabo na Tanzaniya yohinyanyurwa, bivuye ku bikekwa ko hari ugukumira uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro hamwe n’ ubwigenge bw’ idini biriko baraba muri ici gihugu. Ibi ni inkurikizi zivyakurikiye amatora atakiriwe neza n’ uruhande rutavuga rumwe n’ ubutegetsi yabaye ku wa 29 Gitugutu 2025, aho Perezida Samia Suluhu Hassan yatangajwe ko yatsinze ku majwi arenga 97%, ariko ayo matora akaba yararanzwe n’ akaguma n’ ubwicanyi, aho amashirahamwe yigenga n’ abatavuga rumwe n’ ubutegetsi bavuga ko abantu barenga 3000 bishwe.

Hagati aho Meta, ishirahamwe ry’ imbuga ngurukana bumenyi nka Instagram, Facebook na WhatsApp, ryugaye imbuga za Mange Kimambi, uyu ni umunyagihugu w’ umu Tanzaniya asanzwe aba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Mange, azwi cane mu gushira ahabona amakosa ya Reta ya Samia Suluhu Hassan no mu guhamagarira imyiyerekano, yagirije Reta ya Tanzania ko ari yo yasavye iyugarwa ry’ izo mbuga. Mu ndwi iheze, Meta yemeje ko yugaye imbuga z’ abaharanira agateka ka zina muntu muri Tanzaniya, harimwo izo kwa Maria Sarungi-Tsehai na Mange Kimambi, inyuma y’ itegeko ryatanzwe na Reta. Ibi bikorwa vyatumye abaharanira uburenganzira bwa muntu n’ abaharanira demokarasi bavuga ko Meta yemeye kuba igikoresho ca Reta mu guhungabanya uburenganzi bwo gushikiriza ivyiyumvira vy’ abatavuga rumwe na reta.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE